IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu makaminuza bafashe ingingo yo kuguma muri (...)

Abanyeshure bo mu makaminuza bafashe ingingo yo kuguma muri yegereyegere

lundi 13 Gitugutu 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta n’ayigenga bamenyesha ko bagiye kubandanya yegereyegere barimwo, kuko gushika n’ubu ibibazo bafise vyatumye batangura yegereyere bitaratorerwa inyishu.

Inyuma y’akanama abanyeshure barongoye abandi bagize ku munsi w’ Imana, bafashe ingingo yo kubandanya yegereyegere kuko gushika n’ino saha ivyo basaba batarabironka. Iyo ngingo bayifashe kandi inyuma y’amanama atari make bagiranye n’umushikiranganji ajejwe amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore, ariko abo banyeshure bakavuga ko batarigera banyurwa n’inyishu yagiye abaha. Mu nama iheruka yo ku munsi wa gatanu, umushikiranganji Yozefu Butore yasubiye kubabwira ko ico kibazo kitobatera ingorane narirya bataranagera ko baronka izo mpamyabushobozi zabatumye baja muri iyo yegereyegere.

Tubibutse ko impande y’ibindi bibazo bibahanze, ahanini ikibaraje ishinga kuruta ibindi ari kumenya impamyabushobozi bazoronswa muri wa mugambi w’indinganizo nshasha z’ivyigwa BMD (Baccalauréat – Master - Doctorat) hamwe n’agaciro kayo. Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi yabwiye abo banyeshure ko ico kibazo cabo kizokwirwa mu nama rukokoma y’indero itegekanijwe mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.