IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi basaba ko umutekano wabo (...)

Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi basaba ko umutekano wabo wocungerwa

mardi 12 Rusama 2015

Abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi bahungiye imbere y’ubuserukizi bwa Reta Zunze ubumwe za Amerika ,basaba ko umutekano wabo wokingirwa,kuko hari ivyerekana vyinshi ko ushobora guhungabana.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama,aho basavye ubuhungiro imbere y’inyubakwa z’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika,abo banyeshuri bavuga ko hahheze iminsi babona abakozi b’igendereza abatembera hafi y’inyubakwa z’ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kubwa Ernest Niyungeko,umwe muri abo banyeshuri,ngo igiteye amakenga ari amajambo y’iterabwoba ashikirizwa na bamwe mu bakozi b’igendereza,akadoma urutoki kuri Bertin Gahungu ajejwe umutekano hagati mu gihugu mu biro vy’igendereza.

Abo banyeshuri bavuga ko bafise impungenge z’umutekano wabo,kandi ko bafise ubwoba.Baremeza kandi ko bafashwe nabi na Retay’Uburundi,aho ni mu gihe umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yabasavye gusohoka ibigo vya kaminuza avuga ko hari ibibazo vy’umutekano,inama y’igihugu ijejwe umutekano nayo ikabahamagarira gusubira mu bigo vya kaminuza.

Abo banyeshuri basaba umukuru w’igihugu kureka kwitoza ku kiringo ca gatatu kuko ngo ariyo ntandaro y’umutekano muke wibonekeza,bamusaba kandi kurekura ata gisabwe bagenzi babo bapfunzwe.

Abanyeshuri ba kaminuza basohotse ibigo,kw’igenekerezo rya 30 ndamukiza kw’itegeko ry’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,Yozefu Butore.

Messages

  • Nta visa muzoronka za Amerika mwa bijuju mwe ahubwo nimutahe iwanyu canke muje namwe mu Rwanda aho muviga yuko hari amahoro.

  • Izo mbwa zaribonye kweli,biteshaguje uburaro,bagarariza abategetsi none ngo bacungeregwe umutekeno,nibabwire USA ibahe abasoda,nibatahe ku gatumba canke baje i Rwanda canke baburize indege,ako kanyaro kazoteba gahere,imbunuza z’imbunuza ngo perezida ntiyitoze murareka kumutora ,twebwe ni we twatanze ntawe duhindura n’amategeko arabimwemerera.Aho mwari muziko ibinyoma vyanyu bitazomenyekana?

  • bakomye induru hageze!vyukuri iryo gendereza ni rireke kubagirako iterabwoba ahubwo umutekano wabo ukingirwe kuko barahanzwe.mbega hoho bafungurirwa gute bakaryama gute?reta irakwiye kwijukira ico kibazo na canecane umushikirangaji ajeje kaminuza abasubize mu bigo vyabo guko ntibabisohotse guko bavyanka.abo banyeshure ni benshi kandi bagize kazoza hagize uwupfa canke agahohoterwa mu bundi buryo ni umuvyeyi yamuvyaye,ni reta biba bihahombeye.ahubwo dutere akamo reta n’ayandi mashirahamwe babakurikiranire hagufi ntihagire n’indwara z’ibiza zohava zibasinzikaza kuko nazo zobangamira umutekano wabo.

  • Mbega uba he wewe ? Burya nibo bitesheje uburaro ?? Ca kigugu c’umushikiranganji yabirukanye ngo ntagishoboye kubakingira umutekano !!! None ashoboye iki ?

  • @haruna
    abo bagesera b’abatutsi nibo batanguye gukwiragiza hose ngo campus irimwo imbonerakure,abahutu bari batanguye kubamerera nabi ngo ni imbonerakure,urumva rero bariko barabesha umugambi wabo wo kwica abahutu bo muri campus wabatekurukanye bo bashaka kwica abahutu canke babomore bace baguma bararamye harrya barya ivya reta,none ko wumva hari imbonerakure ministre yarabafashije wumva yari kuzigwanya gute,yari kuza agacisha abahutu ku buhomba,vraiment hari abantu 72 itaravamwo,nibatahe i wabo ata mbonerakure zihari zizobica,nta bwenge mukigira!!!

  • Mbega Haruna na Felix mwe nimba igihugu c,uburundi arimw coba kizey kuburaro n,uburamuko tuja he tukavahe?mugihe imitima yanyu irimwo urwiri rw,amacakubiri nk,urwo?mbega abana banyu muzobaraga amacakubiri?ico utipfuzako bakugirira ntukacipfuriz mugenzawe!Abarundi bagifise umutima nk,uwanyu Imana ibaharire!wawundi ngo Mbwire gito canje icuwundi cumvireho!MANA HARIRA UBURUNDI N,ABARUNDI

  • Abo batutsi bari bafise umugambi wo kwica abahutu muri campus kumwe kwo muri 95,bari batanguye kubatoteza ngo ni imbonerakure hari nuwataye arahunga bagire bamwice,bari bafise imigambi yo kuzana abo bari mu myiyerekano ngo baze babamare Imana niyo yakinze.Urabona ni igitangaza nibo bariko basaba protection mbe abahutu bo batoteje ntibari abantu?Abo ni abicanyi ntimukangwe,bama mu magrèves sans raison kugira gusa bonnere ubutegetsi,reka rero turabe ubugabo bwabo je narinzi ko abanyamerica babahaye ama visas,barazi kwitereka ku meza!Mbe burya ntimubona ko agatutsi kose aho kari kaguma kumvako rwitaha ata butegetsi buhari,nuko nyene amapine bagenzi babo bayamaze ahandi imibu yari ikwiye kurara ibagirako soiree bakumva neza,nta pererza ribarondera nibipfane nimba hari menace ni montage yabo bari mu myiyerekano be nabo nyene,kumwe aba sans echecs bo mu kirundo bi deguisa mu mbonerakure gushikaho bomora benewabo nabo nico kimwe!!!

  • WEWE URI NINDERO NKE IVYO UVUGA VYEREKANA KO UFISE AMACAKUBIRI ARENZE. TUZOBANA URABESHA ACE UHUNGE IGIHUGU WWE NYENE

  • MBEGA UMUTEKANO WABONETS KO BADUTUMAKO?.CNK MUSHATS GUHINDURA UMUKENYURO KUKO MWABONYE KUWO MWATEGUY WAMAZ KUBAPFANA?.NIMWEMER AKABI MURAKUZ.YACT MUHENDA ABARUNDI N’AMAKUNGU KO UMUTEKANO KUKWIY MUGIHUGU KAND INGANDA ZIRIKO ZIRATIKIRA.!.

  • nagomba mpanunure uwiyita (vuganeza) areke gusesema abarundi. kandi abe arategura umugozi wo kwiyahura mugihe peter atotwara uburundi. iyo mbonye commentaire yiwe nca ngira vomissement

  • Muvyukuri Je Icombona Nuko Boreka Kwisuka Muyabira Ngobagiye Kumashure Kuko Amashure Yigwa Mumutekano Kandi Ntibaze Baniyumvire Kuja Kumashure Se Barundi Ata Bahumurije Kuko Ubu Niwe Mbona Asigaye Afata Ingingo imeze Nkiyokwumvigwa, Kandi Mushishikare Gusenga Kugira Ukuri Gutsinde Ikinyoma Kuko Igitangaje Nuko Impande Zibiri Zivuga Ko Zihagaze Mukuri None Ukuri Kuzoba Ukwande Ga Yemwe?Imana Irinde Uburundi Nabarundi Murakoze.

  • ndi rabani amana niyoyonyene yokudukiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.