IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abariko bakosora ikibazo ca Leta basaba kwongerwa agashahara

Abariko bakosora ikibazo ca Leta basaba kwongerwa agashahara

mardi 4 Ruheshi 2013

Abigisha bo mu ntara ya Muramvya bariko bakosora ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye ku banyeshure bahejeje amashure mato mato basaba ubushikiranganji kwongereza agashahara bahabwa ku musi.

Nk’iko vyashikirijwe n’abo bigisha, amafaranga y’amarundi angana n’ibihumbi cumi na bibiri n’amajana atanu bahabwa(12500) ntakwiye na gato kuko barihamwo uburaro bagakuramwo n’ivyo bafungura batibagiye amafaranga yo kwiyunguruza baje aho igikorwa co gukosorera kirangurirwa.

Ivyo babishikirije mu gihe benshi muribo baza bavuye mu mihingo itandukanye iri kure y’umurwa mukuru w’intara ya Muramvya, bigaca biba nkenerwa ko bariha amazu y’uburaro muri ayo mafaranga y’inticantukize baba bahawe n’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye.

Mu ntara ya Bubanza naho bidogera umugenduzi w’amashure muri iyo ntara kuko hari igipfungu mu rutonde rw’abigisha yatanze ngo bashirwe mu bariko bakosora ikibazo ca Leta. Abo bigisha uko ari 34 bidogera iyo ndongozi bakaba bamenyesha ko umugenduzi yashize ku rutonde abatigisha mu myaka ya gatandatu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.