IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abavyeyi ntiborohewe mu myiteguro yo gutangura umwaka w’ishure ku (...)

Abavyeyi ntiborohewe mu myiteguro yo gutangura umwaka w’ishure ku bana

mardi 6 Myandagaro 2013

Hasigaye nk’ukwezi kumwe umwaka w’ishure 2013 -2014 ugatangura. Abavyeyi bategerezwa kwegeranya ibikoresho vy’abana ubu ntiborohewe kuko ubukene bwugarije imiryango budasanzwe, eka n’abadandaza ni kwa kundi nyene kuko atabaguzi bafise.

Ikinyamakuru IGIHE cashimye guca kuraba ibiciro ingene vyifashe n’imyiteguro aho igeze ku bavyeyi. Abadandaza twaganiriye bavuga ko ibikoresho vy’ishure vyaduze. Ku kaye y’impapuro 100 yahora igurwa amafaranga 750 uno musi igeze hagati y’amafaranga 850 na 900. Iy’impapuro 60 igeze ku mafaranga 650 gushika ku 750.

Igitambara c’umwambaro w’ishure mu mwaka uheze imetero yagurwa amafranga 4500, uno musi igeze ku mafaranga 6000. Ku ruhande rw’umwambaro w’ishure ku banyeshure bo mu bigenga ubu ni amafaranga 9000.

Mu buguriro biragaragara ko atabaguzi bahari, haza umwe umwe naho nyene uwugura usanga aguze umwambaro umwe canke ibiri gusa, abandi nabo baraza bakabaza gusa bagaca bagenda. Tubajije abo badandaza b’ivyo bikoresho vy’ishure n’imyambaro bavuga bati : "Ubu ntabaguzi tugifise, abanyagihugu barakenye cane. Aho dusanzwe turangurira ibintu vyaraduze kuko n’idorari ryaduze."

Abo badandaza bagasaba Leta ko boraba ico bakora kugira ibiciro bigabanuke, ko boronderera ahandi amatagisi kuko ibintu vyunyutse bikiriko. Bati : "Amatagisi adugijwe natwe duca tuduza ibiciro, vyose bikagwa ku munyagihugu asanzwe afise amikoro make.

Abavyeyi bariko baragura imyambaro y’ishure y’abana bati: ’’Ibintu birateye ubwoba. Ibiciro biguma biiduzwa kandi umunyagihugu agashahara kataduga. Ubu tugurira umwambaro abagiye gutangura uwa mbere gusa, ariko bakuru babo tuca tubaterera ibiremo kuzo bahorana kuko tuba tubuze amahera yo kubagurira nshasha nabo."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.