Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bo mu mashure mato mato nabo bahagaritse akazi
Abigisha bo mu mashure mato mato nabo bahagaritse akazi
lundi 17 Ruheshi 2013
Abigisha bahurikiye muri syndicat SLEB na SYNAPEP bitavye akamo ko guhagarika imirimo guhera kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 17 ruheshi 2013 nk’uko bari bamenyesheje.
Ku mashure ikinyamakuru IGIHE cashoboye gucamwo, ku mashure mato mato yo mu gisagara ca Bujumbura, abigisha bari bitavye akamo batewe.
Nko kw’ishure rito rya Kabondo ako kamo kakaba kari kitabwe, amashure yari agaragara, abigisha batonze ariko igihe c’isaha zine baciye bahagarika imirimo, nk’uko twabibwiwe n’umuyobozi mukuru w’iryo shure, Isidonie Niyonzima.
Abana bari basigaye aho bariko barakina tubabajije bakaba batumenyesheje ko abarezi babo babarungitse batahe gutegura ibibazo bakazogaruka ku musi wa mbere babatumyeko.
Twomenyesha ko kuri iryo shure rya Kabondo hari umwigisha umwe gusa ariko arigisha, tubajije impamvu ariko akora wenyene ngo n’uko ata syndicat n’imwe ahurikiyemwo.
Kw’ishure rya Stella Matutina hoho siko vyari bimeze kuko abana bari mu mashure ariko abigisha bo bamwe bari hanze abandi bari batashe.
Floxella Karire
Messages
17 Ruheshi 2013, 08:22, par NG JM
AHAAAAAAAAAAA!!!!!!!!!BIRASESEMYE ITEHO URWO RWARUKA BURUNDI BWEJO.CE SONT LES CANDIDATS ET CANDIDATES AU TRONE DU PAYS.
18 Ruheshi 2013, 04:03, par iradukunda willy
Abigisha na leta barakwiye kwicara bakarondera inyishu ahandi urwaruka rugiye kuja mu ngeso mbi kubera turavye urya mwanya abanyeshure baba bari kwishure ubakingikire ingorane nyinshi