IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Afrika y’Epfo: Hatowe ibisigarira vy’umuntu atari azwi

Afrika y’Epfo: Hatowe ibisigarira vy’umuntu atari azwi

jeudi 10 Nyakanga 2015

Mu gihugu ca Afrika y’Epho hatowe igisigarira c’umuntu bikekwa ko yabaye ku mugabane wa Afrika haraheze imyaka imiliyoni zitatu.

Uwo muntu ari mu bwoko bwataziriwe Homo Naledi, yatowe mw’isenga ry’ibuye riri mu kibanza ndangakaranga k’ akahise gikingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imico kama n’indero UNESCO, i Maropeng mu gisagara ca Johannesburg.

Abashakashatsi bo mu gihugu ca Afrika y’epfo batoye ibisigarira vy’uwo muntu atari azwi kugez’ubu, babisanze biri kumwe n’ibindi vy’ibiremwa 15 vyo mu bwoko bwa hominides.
Abashakashatsi mpuzamakungu bazuye amagufa aboneka ko ari nk’ayo abantu 15 bo mu ngero zitandukanye kuva ku bana bato gushika ku bantu bakuze.

Nta magufa y’ibindi bikoko bahatoye, abashakashatsi bakaba biketse ko aho batoye ivyo bisigarira higeze kuba ikibanza co gushinguramwo abantu babaho muri ico gihe.

Ikiranga Homo Naledi ,nuko ubwonko bwayo ari buto bugereranijwe n’ubwo umuntu w’iki gihe canke Homo Sapiens.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.