IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Imyaka i 110 iraheze uburundi bubuze intahe yo kwikukira

Imyaka i 110 iraheze uburundi bubuze intahe yo kwikukira

jeudi 4 Mukakaro 2013

Ni ku masezerano yasinywe muri komine kiganda mu ntara ya muramvya ,niho Mwezi Gisabo yashira umukono ko intambara y’abadagi iheze.Mu ri iyo myaka indwi iyo mirwi yose aho yariyiyemeje kurwana ,umwami w’i burundi ,Mwezi gisabo ,aho imyaka yari murembeje atakibasha ,yarabonye ko abadagi bafise ibikoresho vy’ingwano vyinshi kurusha uburundi ku buryo yabona ko babandanije barwana yohaburira abasirikare benshi cane b’uburundi bitwa abadasigana

Kubwo abize kahise ,abadagi ,nabo aho bari ,bari baruhijwe n’iyo ntambara uwo mwami w’i burundi ,bari bifuje kumwica kugira ivyiwe bihere ntibazosubire ku mwumva ukundi.igihe rero abonye asugerejwe yaciye ahungira i kiganda aho mbere abadagi bararashe umwe mu basanzwe bamucungera izina ry’uwo akaba ari bihome aho yari yambaye umwambaro umwami akunda kwambara .Abadagi rero barazazaniwe bibajije ko ari umwami kumbe n’uwujejwe ku mucungerera ubuzima.

Nk’uko abaraba ivya kahise babandanya bavuga ,Bihome yoba yaremeye gupfa mu kibanza c’umwami ,kikaba ari ikintu kigoye twibaza ko muri iki gihe atawobishobora kubikora.

Intahe yo kwikukira yarabuze kuva kera ,nimba abadagi bavuye mu gihugu c’uburundi haheze imyaka 13 inyuma yaho batsindiwe mu ntambara ya mbere y’isi yose(1914-1918),aho baciye basubirirwa n’ababiligi .Igihe babajije abarundi abo bashaka ko bobatwara hagati y’abongereza n’ababiligi ,bishuye ngo ‘’abongereza bongereza ikibi mu kindi baca batora ababiligi.Ariko bagiye kwicuza harengeranye igihe ababiligi bakoresha ikimoko mu kubakubagura ,umugirwa utabaho mu bongereza ,ndetse abarundi hari igihe basanga bategerezwa guhungira mu gihugu ca tanzaniya canke mu gihugu c’ubuganda ,gusa kugira bahunge ikubagurwa.

Iyo ntahe yo kwikura rero abarundi baribabuze ,bagiye kuyironka imyaka 59 inyuma y’imyaka 13 abadagi bamaze mu burundi hamwe na 46 y’ababiligi.Mugabo rero uburundi bwahavuye buronka ukwiku


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.