IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Agafashanyo abanyeshure bishuza kazoboneka mu ndwi buca dutangura

Agafashanyo abanyeshure bishuza kazoboneka mu ndwi buca dutangura

vendredi 23 Rusama 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahumurijwe ko agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama kagiye kuboneka mu ndwi itangura, nk’uko bimenyeshwa na Denise Rukundo umuyobozi ajejwe ivy’agafasahanyo n’imyimenyerezo (bourses et stages).

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi barahagaritse ivyigwa guhera ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 21 Rusama, imvo zabitumye akaba ari uko batarahabwa gushika n’ubu agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama. Ku munsi w’ejo kuwa kane, abo banyeshure bakaba batubwiye ko ubuzima bwabananiye kuko bamwe bariko barirukanwa mu mazu bapanze abandi nabo inzara ikaba ibarembeje.
Denise Rukundo, umuyobozi ajejwe ivy’agafashanyo n’imyimenyerezo avuga ko ikibazo c’abo banyeshure bakizi, ariko akamenyesha ko habaye akagorane gato k’intonde, kuko ariho abo banyeshure bari bagisubira ku mashure. Denise Rukundo amenyesha ko intonde z’abo banyeshure zigeze mu bushikirianganji bw’ikigega ca Reta. Mu nyuma zikazoca zijanwa mw’ibanki nkuru, abanyeshure bakazoshobora guhabwa agafashanyo kabo muri posita mu ndwi buca dutangura.

Abo banyeshure babwirwa ko bokwitega guhabwa ukwezi kumwe gusa kwa Rusama, kuko ukwezi kwa Ndamukiza abanyeshure bishuza batakwize. Denise Rukundo asigura ko ayo mafaranga y’ukwezi kwa Ndamukiza ariyo azoca akoreshwa mu kwiriha umwanya watakaye.

Tubibutse ko abo banyeshure basubiye muri yegereyegere mu gihe hatari bwahere ukwezi bavuye mu yindi yegereyegere bamazemwo amezi abiri, iyo nayo ikaba yari yavuye ku ngingo y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasubiramwo uko agafashanyo kazohora gatangwa, abo banyeshure bakavuga ko iryo tegeko rije kwirukana umwana wa nyarucari muri kaminuza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.