IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Agafashanyo gahabwa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta ntigatangwa na (...)

Agafashanyo gahabwa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta ntigatangwa na UNESCO

mardi 22 Ndamukiza 2014

Amakenga yovaho ku bibaza ko Unesco ariyo yahora itanga agafashanyo gahabwa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure ya Kaminuza. Ayo mafaranga ava mu kigega ca Reta nk’uko vyemezwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Gilbert Niyongabo.

Kuva ingorane muri kaminuza za Reta zaduka, abatari bake baribajije igituma impinduka zigiye kwibonekeza mw’itangwa ry’ako gafashanyo nk’uko vyari mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza inimero 100 /07 ryo kuwa 14 Nzero 2014.
Muri ico gihe, haradutse urukurukuru ko Reta yoba iriko iranka gutanga amafranga kandi iyafise, kanatsinda ko hoba hari n’amashirahamwe amwe amwe yoba atanga ako gafashanyo, nk’ikigo UNESCO (United Nations Educational, Scientific and Cultural).

Umwigisha muri kaminuza akongera akaba umuhinga muvy’ubutunzi, Gilbert Niyongabo avuga ko ayo mafaranga ahabwa abanyeshure nk’agafashanyo asanzwe ava mu kigega ca Reta y’Uburundi.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuwa 18 Ntwarante 2014, Gaston Hakiza umuyobozi wa kaminuza y ‘Uburundi nawe nyene yarabeshujeamakuru yavuga ko ikigo UNESCO arico gitanga ako gafashanyo gahabwa abanyeshure batoye ca kibazo ca Reta. Muri ico kiganiro, Gaston Hakiza yamenyesheje ko Reta itagishoboye gufata mu mugongo abanyeshure bose baba batoye ico kibazo, kuko biyongera ku mwaka ku mwaka kandi Reta nayo ikenye.


Floxella Karire

Messages

  • Agafashanyo twaronka igihugu kirimuntambara ububahayagiza koturimuntwaro rusangi niho gacakabura?nibabishe abandi nobobaje kwibera muraryamazu yabo nimiduga imida baseguye natwe dutibitse umukanda ngarafise ngaho ivyavuga

  • Abo bana ni Bene Burundi!Kera bitwa Abanyagihugu,ubu ngo bitwa ABENEGIHUGU!None mwene ikintu aracakwa?None amahera yagura Ibirwanisho yaroye hehe?Ariko amazu aashishikara kuduga bwa bizinu!Ewe Burundi waragowe!Mbuze iyo nguhungira nogiye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.