IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 519 yagiye hamwe yiyamiriza ugusenyura ivyavuye i (...)

Amashirahamwe 519 yagiye hamwe yiyamiriza ugusenyura ivyavuye i Arusha

lundi 4 Munyonyo 2013

Amashirahamwe amajana atanu na cumi n’icenda (519) yakoraniye hamwe atanguza isekeza ry’uruganda bise "NTIMUHINDURE IVYUMVIKANYWEKO I ARUSHA". Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyemeje kwiyamiriza integuro ya Reta yo guhindura ibwirizwa shingiro abo vyega bose batagishijwe inama.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’ayo mashirahamwe kuri uyu wa mbere, rusomwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro ca poritike FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), bibutsa uruhara ikiyago cagize mu ngorane zose igihugu cagiye kiracamwo, gushika aho bashika ku masezerano y’i Arusha, ari nayo yavyaye ibwirizwa shingiro ryashizeho ubutegetsi bwari buvuye mu ntambara mu mwaka w’2005. Intureka n’intambara Uburundi bwamazemwo imyaka irenga mirongo itatu zaturutse ku butegetsi butemera ko abarundi bose baterera ivyiyumviro mu ngingo zafatwa, abategetsi bahari bagashira imbere intwaro z’igikenye, ugukumira n’akarenganyo. Ingaruka yahabaye n’uko abo badahabwa ijambo baciye bafata inzira y’ibirwanisho, abarundi isinzi bahatakariza ubuzima. Amasezerano y’i Arusha asanzwe yatwaye uburyo bwinshi, umwanya n’inguvu yategekanije ko mu ntumbero y’ukwubahiriza intwaro rusangi, abarundi bazokwama baja inama, mu ngingo zose ziraba abanyagihugu zoba zigira zifatwe.

JPEG - 45.4 ko
Abarongoye amwe muri ayo mashirahamwe yatanguje iryo sekeza (uva i bubambfu uja i buryo : Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME hamwe na Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe amenyesha ko yaguye mu gahundwe yumvise ku nsamirizi ko inama nshikiranganji yamaze kwiga kandi ikemeza integuro y’itegeko rijanye n’uguhindura ingingo zimwe zimwe ziri mw’ibwirizwa shingiro. Ayo mashirahamwe arabeshuza ibivugwa ko ibwirizwa shingiro ryoba rigira rihindurwe kugira bashobore gushira mu ngiro urupapuro rw’inzira abanyeporitike biyemeje mu nama yabahuje mu ntara ya Kayanza. Nk’uko vyasiguwe n’ayo mashirahamwe, mu Kayanza bari bumvikanye ko umukuru w’igihugu azoshikiriza abandi bose vyega ingingo zo mw’ibwirizwa shingiro zikwiye gutosorwa, maze hakaba ikiganiro, abarundi bose bagaterera ivyiyumviro biciye ku kuntu baserukirwa.

Mu gihe ingingo nkuru nkuru zimaze kumenyekana ko zizohindurwa ari izisa n’izije gusubiza Uburundi mu ntwaro y’akarwi ka bamwe, mu kwereka abandi ko ata ruhara bafise mu buzima bw’igihugu, hamwe n’ukworohereza abategetsi bazoba bashaka kumara imyaka n’iyindi ku butegetsi, ayo mashirahamwe yibutsa ubutegetsi bw’i Bujumbura ko mu mwaka w’2005, inyuma y’imyaka bwamaze mw’ishamba burwanya ubundi butegetsi bwakumira, bwashoboye gushirwaho biciye gusa mu biganiro vyahuje abarundi, bavugana ibibazo bafise, bumvikana intwaro rusangi, amatora nayo aratunganwa. Ayo mashirahamwe aremera ko ibwirizwa shingiro ryohinyanyurwa rikisunga umwanya wa politike igihugu kigezemwo, ariko ko ico kitari igikorwa c’ubutegetsi bwo nyene, kuko iryo bwirizwa shingiro ari irizogenga abarundi bose mu butandukane bw’ivyiyumviro vyabo, ari naco gituma bose bakwiye guterera ivyiyumviro.

JPEG - 34.8 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH, rimwe muri ayo mashirahamwe 519 yagiye hamwe kugira yiyamirize ko ibwirizwa shingiro rihindurwa gihutihuti, abo vyega bose badatererye ivyiyumviro

Muri urwo rwandiko, ayo mashirahamwe amenyesha ko adatahura igituma abo vyega batokwumvirizwa, imbere y’uko iryo bwirizwa shingiro rihindurwa. Basubiriye gusaba Reta ko yokwikubita agashi, ntihirahire kwigungirako ico gikorwa kiraba abarundi bose, kuko "Ahari abagabo ntihagwa ibara", "Inama isumba ingimba", kandi "Ibigiye inama bigira Imana". Ayo mashirahamwe uko ari 519 yasavye abarundi n’amakungu gushigikira ko amasezerano y’i Arusha asanzwe ategekanya umwumvikano n’ikiyago mu ngingo zose zifatwa, ko atosenyurwa, kandi ariyo yazanye amahoro n’ugusubiza hamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahubwohagomba kuba Arusha ya2 kugirango bashyire mungero amasezerano basinye neza

  • BENEVYO NIBO BENINAMBU!!! PRESIDENT YIYONGEJE NABAMINISTRES NABO BAZOKWONGEZWA. URUMVA NICO GITUMA INAMASHIKIRANGAJI NYENE YIGA INTEGURO YOGUHINDURA BOSE BAKABIHURIZA HAMWE KUKO BOSE ARI BENUMUGABO UMWE!!! ARIKO BARABESHA TU!!!!!

  • Ivyo nivyo nareke abandi batware yarakoze neza!reka turabe abandi

  • Mbe mugomb k avako kunguvu?? Nimurek yitwarire..ninde wundi mubona yoshobor gutwar Uburundi??

  • Mbe mwibaza ko Imana yahevye igihugu cayo aho mugitwara uko mushatse ,mbe ko umushingantahe wubuntu avuga ati mparanira kurangwa simparanira kuramba nn iyo mvugo ntiboyifatirako inama n’ingingo akaba arizo ziranga abategetsi bi burundi

  • nkurunziza turamukunda natware abo nabo imvugo zabo turazimenyereye, bavugira aho bicaye gusa ntakindi bazi nugutega amaso infashanyo gusa.

  • nkurunziza turamukunda natware abo nabo imvugo zabo turazimenyereye, bavugira aho bicaye gusa ntakindi bazi nugutega amaso infashanyo gusa.

  • Nshimiye amashirahamwe kuba yahagurukiye ico kibazo co gutahindura ivyavuye iharusha.kumwe mwamye musemerera kubwicanyi bwagigwa nimbonerakure ni perereza nubu nimubandanye musemerera Imana ni bahezagire.cndd fdd yibaza ko igihugu ari itongo ryabo.bavuga ko bazokivako tanganika ikamye nanje Aimable mvuze nti FNL izotwara atandobo yamazi ivuyeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.