IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > APRODH : Iyirukanwa ry’abanyeshure ba kaminuza rifise imvo

APRODH : Iyirukanwa ry’abanyeshure ba kaminuza rifise imvo

vendredi 1er Rusama 2015

Ku va aho umushikiranganji ajejwe amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, atanze itegeko ko abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bataha iwabo, bagasiga ivyumba vyuguruye, mw’ishirahamwe APRODH babibonamwo imvo.

Mw’ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe APRODH bavuga ko ivyo bigo, vyoba bigira bishirwemwo Imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’Interahamwe. Petero Karaveri Mbonimpa akavuga ko izo Mbonerakure zambikwa impuza za giporisi zoba zizoshirwa muri ivyo bigo, ari naco gituma asaba abasoda ko bocungera ivyo bigo vya kaminuza y’Uburundi.

Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe ari mu bateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, akaba ndetse yanatangaje ko abantu barenga amajana atanu, bamaze gufatwa, barapfungwa, aho abari muri BSR babayeho nabi, kubera ubwinshi bwabo, kandi batanafungurirwa, eka bamwe bakaba bamaze n’ukurwara kubera inzara. Abagera ku munani nabo, baramaze kwicwa n’abaporisi bari kumwe n’abakorera urwego rw’igendereza n’Imbonerakure, nk’uko muri iryo shirahamwe babivuga.


Bill Nkurunziza

Messages

  • Jewe sinshigikiye mandat ya gatatu ya Nkuru, ariko rero ibivugwa na Pierre Claver Mbonimpa navyo mbona umegngo harimwo n’ibisazi, vraiment du n’importe quoi, turabura ico dufata canke tureka. Ibigo vya kaminuza wobishiramwo imbonerakure gute? Encore moins interahamwe?! ivyo ntibikunda kuko tuyiriza ijisho irya kaminuza.

    Turakwinginze ubandanye ukora mugabo utavuga ayasunitswe n’impwemu kuko uraduca ivutu, kandi burya bensh nta bwenge tubuze bwo kuraba nogushishoza ku bintu n’ibindi! Ja hagati sha ube umunshingatahe ureke gufata extremité pour ta crédibilité!

  • Uvyo Mbonimpa avuga bisumbwa n’umwanda uri mu kazu ka surwumwe.

  • Ivyo Mbonimpa avuga ateranya abarundi amenye ko bizomugarukako. Birutwa n’umwanda uri mu kazu ka surwumwe. Umuntu arakura akama arekereza inkonda! Imvi yameze yazimereye ubusa, zagiye ahatariho.

  • ayo maraso avugwa ko Nkurunziza yemereye SATANI ngo agume kungoma azova mubarundi? none izo mbonerakure ninterahamwe zivugwa hirya no hino muburundi nicyo gikorwa zizokora?

  • Impamvu yatumye babirukana nubwo atayonzi uko biri kwose suko batagishoboye "gucungera umutekano wabo" nkuko babisiguy kuko sibo bonyene batagicungew umutekano, ni hafi abarundi bose. Nimba iyo ariyo nyishu batoye, natw bagiye kutwirukana twese mugihugu cuburundi ko mbona batagishobora (batagishaka) gucungera umutekano wabarundi ahubwo aribo bawuhungabanya? Ivyo vyos mugihe bikiruko, ntakidashoboka n’ivyo mutama PC Mbonimpa yavuze birashoboka narirya hamaze kubonwa no gufatwa abataribake bafise inkoho abandi bambaye umwambaro wigiporisi cigihugu bari mubariko barabuza ama manifestations pacifiques ivyo bigaca bituma ahinduka violentes..birababaje.

  • Abanyeshure Mwihangane Ark Ubu Koko Iterambere Rizoza Ryari ? Abarundi Muce Mwihane

  • Abanyeshure Mwihangane Ark Ubu Koko Iterambere Rizoza Ryari ? Abarundi Muce Mwihane

  • Abanyeshure Mwihangane Ark Ubu Koko Iterambere Rizoza Ryari ? Abarundi Muce Mwihangane Ubutabera Bukurukirane Ubuzima Bwabo Ba Nyeshure Kuko Nibo Bayobozi Bejo Mbifurije Amahoro.

  • Ni akamaramaza aho umunyeshure wa Kaminuza ataha ata mvo yumvikana ihari vyose ari amarementanya. Emama ngo nibo bakorera mu Nyakabiga ngo nahandi. Ico novuga nuko iyo Kaminuza umukuru w’Igihugu ayizi neza kandi yanahaciye ntiyishimire abacuruka abanyeshure kuko batahize. Nahaguruke ayikorere kuko niwo mutima w’Igihugu. Izo mbonerakure n’Interahamwe zinjijwemwo tuzozira rimwe hama zice zimenya ko umu Poil atiga kamwe! Murakoze

  • Mbonimpa We Ivyo Wama Uvugira Kunsya Zamenyo Uturira Isubireko Uko Ukokeza Ugira Wigire Nka Nka Ngeze I93 Aho Yaba Igikingirizo C,amagandaguye Ndadaye Urya Muhutu Yarambabaje Asa Nawe. Ba Nshimirimana Babunze Naw,uti Ndakibogora Ntasoni Kugumura Bigez,iyo Imbonerakure Zirabatey,amangati Za Mwazidahwa Hamwe Bobigir,uko Uvuze N,umwana Wawe Yoshikirwa Barundi Namwe Muraza Murumviriza Ariko Muyungurure Abo Wumva Ngo Ntavyapolitike Bashira Mu Kanwa Kabo Muramfasha Kuraba

  • @jp bolt
    Abo basazi b’abatutsi biga kuri iyo campus bashaka kwifatira mu gahanga peter kumwe mwahora mubikora muri 93,ibintu si nka kera,nibo bariko bakora iyo myiyerekano,nibagende ku musaga no mu nyakabiga bayikore badataha kurya ivya reta banka,bazokwoge amazi bavomye,mugabo data bo ntibagowe hagowe abahutu b’ibijuju babakurikiye ngo nta moko ahari none bataye campus bo bafise abatutsi batunze ibifaranga nibabakire!!!

  • abatutsi sabasazi ahubwo wewe urumugwayi abajujyane kwamuga nomusengesho

  • Nzingibintu birijana amaraso ariko araseseka ntazobura ico ahitana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.