IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwurongoye JRR i Bujumbura babuze ikimwagira aca arasohorwa ibohero rya (...)

Uwurongoye JRR i Bujumbura babuze ikimwagira aca arasohorwa ibohero rya Rohero

mardi 11 Ntwarante 2014

Inyuma y’aho fatiwe n’umwe mu bategetsi bo mu giporisi akajanwa ubutaraririye gupfungirwa muri komine ya Rohero, umushingwamanza Nitegeka Patrick yarekuwe kuko atanakimwe inyamiramabi yasanze kimwagira.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE muri aka gatondo ko ku wa 11 Ntwarante uyu mwaka, umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye urwaruka rwa JRR, avuga ko ataco yagiriye imbere y’inyamiramabi yo muri komine ya Rohero, ari naco gituma yaciye arekurwa. Nitegeka avuga ko yabajijwe n’uwo atwara akarere k’Uburaruko mu giporisi igituma atemera Gaston Sindimwo asanzwe yarakuwe mu mugambwe UPRONA yagirwa kuwuhemukira, nk’uko Nditije yabimenyesheje. Umushingwamanza Nitegeka rero akavuga ko yabariwe n’uwo atwara akarere k’Uburengero, ko uwo mu JRR ashaka kwica uyo Gaston Sindimwo. Patrick Nitegeka avuga ko ari irementanya ariko aragirirwa, kugira Gaston Sindimwo aronke ivyo amwagiriza nawe ashobore gushika kubimuraje ishinga, vyo gusambura UPRONA nk’uko abandanya abiyagira IGIHE.bi

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR

Uyo mushingwamanza agasaba ko boreka kuburagizwa, mu gihe ivyashitse mu mugambwe iwabo, aho umugambwe weguriwe umuntu atatowe n’abadasigana, ndetse yirukanywe no mu mugambwe, arivyo vyoba bigira bikorwe mu muri uyo muhari mparaniramajambere wa Rwagasore. Avuga ko abari inyuma y’ivyo bikorwa bigayitse vyogusambura umugambwe bazwi, kandi ataco bazoshikako, mu gihe avuga ko Abadasigana bamaze guhinyura abo bagomba kubasubiza mw’ihumbi. Asaba aba JRR bose kuguma bari hamwe, bagume bafatanye mu nda, kandi bime amatwi bansumirinda.

Tukabamenyesha ko abashingamateka bo mu mugambwe UPRONA bari bamaze gutangura kugaragaza amakenga bafise, kuri iryo burabuzwa ry’urwaruka rukomoka mu mugambwe wabo UPRONA. Umushingamateka Pasteur Ryahama yatowe mu ntara ya Kirundo, akaba yavuze ko biteye isoni, kubona bashobora gupfunga umuntu atakimwagira, abashingamateka nabo bakabuzwa kwinjira mu ngoro y’umugambwe wabo.

Umushimngamateka Ryahama akaba yabeshuje ivyari vyashikirijwe n’umupfasoni Conciliya Nibigira, ko abashingamateka binjira muri iyo nyubakwa y’umugambwe UPRONA bita ku Mugumya atangorane. Muri nya kanya, uwo mushingamateka akaba yankiwe kwinjira muri iyo nyubakwa, kuko umuryango wagumye ucunzwe n’abaporisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • BAZOPFA NKA KAHINI AYO NAMARASO BANYOYE ABABIRAMWO YOHAKIMU RUHUNA YARABIBABWIYE

  • Biteye isoni biteye n’agahinda ariko ngo ntamvura igwa idahita.Nashaka nsabe abakinyi b-AMARERETSI bagerageze bagire ivyiyumviro vyo kuzodukorera AMARERETSI ajanye n’ibi biri kubera mu gihugu cacu kuko ni kahise kabereye k’UBURUNDI kubazokwaruka aho haza canke kubakina Politique.

  • Arico no hanura,le premier VP yotanga imihoho hama bakareka imigambwe ikitunganya!Ba Consiliya na gaston bobivamwo kare kuko aba DD nibabona ataco bakibamariye bazoca baba hindukirira kandi barazi abo batama ingene batorera inyishu ibibagoye!!!!

  • ico nohanura urwaruka nibegere uyo mukenyezi conciliya nkuko bavuga ngo il faut embrasse nos ennemie pour mieux les étouffe nibamwegere basabe congres hama bamukure biroroshe kandi ntaco azohakana mubigize kumugaragaro ntahandi ho basumire inda nibenshi mu gihugu cacu ejo bazozana imbonerakure bayite ko ariyo itwara jrr iyindi ko itwara intara kanaka iyindi UFB e le tour et jouer ico kizoba gisigaye ni kuja hamwe n’ikibiri nahandi ho mufatiye akarorero kuri UPD na FNL bazobasabura bagumye banana yari intererano yanje

  • nagira ndamukeze uwo mushingwamanza patrick nti simba imanga Imana yacanye kuko aho yaragiye Mumpimba kuko niko bakora izo dd kanatsinda urabona ko arumwana windero yavutse mubantu niyo umuntu uriko aramuraba mumaso urabona ko atuje aratekenye arakeye mumaso none mushingwamanza komere kwibanga mukorane umutima munda ibindi Imana izobikora vyose aba dd ntibibaze ko isinziriye nagato iminsi y Igisuma ni 40 reka ntubirindire turabe nejo bundi ibintu bikaja muburyo!!

  • Aline ngwrakeye mumaso kuko musangiye akoko yobura kukunezera gute?iya ba umuhutu canke umutwa wavuga ngwehe uko gisa canke rusa,reka kwigira umweranda kandi waranyegewe nakamacakubiri.hama nawe KOMERA,uti namaraso abatigitamwo?,uyuba waruzi ayatigitamwo abishe president NDADAYE nabamufasha kurongora igihugu1993.mbega RUHUNA na NDADAYE burya nzibazize Uko kutunva kwanyu,umenga mwasomye kumukenke wumusazi ataco mwibanga,.none raba nubu burabisazanye,ntimugomba guhinduka.kumbura mugezaho ntuze.

  • Gezaho urikijuju wewe ubu wobonye neza ko dusangiye umboko na Patrick kandi naho twobusangira ntakibi kirimwo nuko bimeze uvyemera utavyemera nuko bimeze kandi bizokwamako nuko Imana yibikoze kandi iciza niciza ikibi nikibi kandi wewe ntuzobihindura wewe wuzuye amacakibiri mabi uvyemera utavyemera biragusha nukobimeze urazokwitwara kuba dd !

  • je ngomba kwishura uwo yiyise Gezaho!!nne ushatse kuvuga ko abahutu nabatwa muri babi??!!musa nabi??!!ntakundi nimba ariko ubizi niwihangane rero uwo mu JJR ni mwiza nimba bikubabaje wimene kwibuye Imana niyo yabaremye uko.Il fo ko muba fier yavyo kuko ntaco muzohindura kndi yabonye arivyo bibabrey ikibabaje nuko mwuzuye ubujuju nububi kumutima gusa nayo isura yo twoyihanganiy!!mbe Ndadaye yarusha iki abatutsi mwaciye munigagura za kirundo karusi mbere nigihugu nkacose!!nkaho nguravuze uradashwe ahubwo!!NDaday ndadaye ndadaye... yama arururimbo umenga nimana muririmba!!ubu natwe twoguma tuvuga ba papa mwaciyemwica abavukanyi abavyara wumva wosubira kuvuga??!!zurakaziba iyo udafise ico uvuga!!kuva 1993 gushika ubu mwica mwica ubu naho tes feres et soeurs DD barica,bariba... amabi yoose ikibabaje nuko nanyabahutu benewabo banyaruucari badashikirwa boose mbona hariho abishwe nizara!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.