IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Bamwe mu badandariza mu mabarabara y’igisagara bazohava bashavura nk’abo kwa (...)

Bamwe mu badandariza mu mabarabara y’igisagara bazohava bashavura nk’abo kwa Siyoni

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Inguvu zikoreshwa n’abaporisi n’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura, mu gukura bamwe mu badandariza mu mabarabara y’igisagara hasanzwe harwiriyemwo abakenyezi, bishobora gutuma abo banyagihugu barengerwa, nabo bagaheva bashaka gukoresha inguvu zabo, mu gihe bitanguye kugaragara ko bataciruka babonye abo baporisi, ahubwo bahakwa guhangana nabo, canke baheve bagaragaza agashavu nk’akabadandariza mw’isoko kwa Siyoni.

Bamwe mu banyagihugu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE, bavuga ko hakwiriye kuba ibiganiro, hakareka gukoreshwa inguvu, mu gihe inguvu atamuti zishobora kuzana kuri ico kibazo kimaze iminsi. Batanga akarorero k’abakenyezi badandariza mw’isoko kwa Siyoni, aho hagira hakoreshwe inguvu mu kwakwa ibitenge vyabo bagirizwa ku vyinjiza muri magendo, bigatuma abo bakenyezi bata agahuzu ku mutwe, igikiriza cabo bakagishira hejuru mu kugaragaza umubabaro wabo, ndetse hakaba hari n’abambuye impuzu zo hepfo mu kwiyamiriza ingingo y’ikigo OBR.

Nicodeme Bugwabari umwigisha muri za kaminuza

Kuri mwene izo ngingo ziba zibabaje abo zerekeye, tukabibutsa ko n’umuhinga mu vy’imibano ya poritike Nicodeme Bugwabari yabiyagiye ikinyamakuru ikinyamakuru IGIHE haraheze iminsi, ko igihe ivyashitse muri kahise, abanyagihugu bababazwa n’ingingo bafatiwe haba mu Burundi canke mu makungu, usanga ibikurikira atari vyiza. Aho atanga akarorero k’aho umukuru w’igihugu Ntibantunganya yaterwa ivyatsi n’amakoroka mu mwaka w’1996 mu ntara ya Gitega muri komine ya Bugendana, aho ivyakwirikiye bitabaye vyiza ku gihugu.

Mu mwaka naho w’1966 naho nyene, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahejeje kumenyeshako intwaro ya cami irangiye, Micombero atembagaje Ntare wa 5, abakenyezi bari ku kibuga c’umupira w’amaguru bakuye impuzu barahenera uwo mushikiranganji. Eka no mu bindi bihugu, abakenyezi bagiye barata impuzu bakaja mu mabarabara kugira berekane ko ibintu vyabarambiye. Aha agatanga akarorero ko mu gihugu ca Nigeria mu mwaka w’1929, aho abakenyezi b’abirabure bagiye mw’ibarabara biyamiriza intwaro ya gikoroni.

Abakenyezi bo mu gihugu ca Uganda

Mu gihugu ca Ouganda, muri Ndamukiza umwaka w’2012, abakenyezi barihaye amabarabara naho nyene igikiriza kitambaye, biyamiriza ihagarikwa ry’umwe mu bakenyezi baserukira abandi. Mu gihugu ca Gambiya, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2001, abakenyezi baravyunyuye, kuko bobo bagize bishasha. Bihereje amabarabara bari uko Imana yabaremye, biyamiriza ibikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu. Aho hose vyagiye biribonekeza, abo bakenyezi bari babuze ikibumviriza, ntibanatahurwe, bagaca bahitamwo kuzita kugira bagaragaze umubabaro udasanzwe n’ishavu bafitiye Reta.

Ivy’abo bakenyezi bo mu gisagara ca Bujumbura n’abandi bama bariko barakubagurwa canke utwo badandaza tugatabwa mu mayarara bikaba bitoroshe, na rirya bagirizwa ko bamwe bamwe bakorera mu masoko yo mu makomine y’igisagara ca Bujumbura canke mu makaritiye, bakaza mu gisagara hagati buriko burira. Abandi nabo bagirizwa ko bamaze kubona abagenzi babo baronse aho bakorera mu kibanza cahoze citwa Le Grenier du Burundi, baciye bava iyo bari basanzwe bakorera baca baza gukorera mu mabarabara kugirango bafatwe nk’abandi nk’uko vyashikirijwe n’umupfasoni Kazatsa Candide ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Uyo mupfasoni asaba abo badandariza mu mabarabara gusubira mu masoko bavuyemwo, mu ntumbero yo kwikingira amasanganya y’imiduga canke ayandi masanganya, kandi akavuga ko abo badandariza mu mabarabara bari mu batuma umwanda uguma wandagaye mu gisagara, na rirya badandaza ibitandukanye, iyarara naryo ugsanga kenshi rirunze hafi y’amabarabara akikuje ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.

Abo bakenyezi badandariza muri ayo mabarababara y’igisagara ca Bujumbura bakaba bavuga ko bipfuza ko Reta ibitahura, kuko yonyene izi igituma bari aho mw’ibarabara. Bavuga ko intandaro ya vyose ari isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura. Bakavuga ko bamwe mu bahora mu mabarabara ubu baronkejwe aho badandariza, n’abandi babuze. Basaba ko nabo boronswa aho badandariza, kugira bave muri ayo mabarabara no ku zuba, kuko benshi muri bo bavuga ko badandaza bahetse abana, bavuga ko ikubagurwa bagirirwa n’abaporisi nabo nyene barihaze, ariko ata kundi bari bugire, biyemeje kuguma muri ayo mabarabara mu gihe batoronswa aho bakorera, kuko batoja kwicirwa na kigoyi muhira.

Umwe mubavuganye n’ikinyamakuru IGIHE, akavuga ko naho Reta bibonekako iriko irabatera ubwoba, canke ikabaca inkokora mu gutumako mu butungane abariko baragerageza kubavugira, ivyo bitazotuma bareka kudandariza muri ayo mabarabara, kuko inzara nayo yohava ija kubagandagurira mu mihana yabo.

JPEG - 75 ko
Bamwe mu bakenyezi badandariza kwa Siyoni ku wa 27 Nyakanga 2013

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.