IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu bakozi ba APRODH bafashwe na Enock Bizimana bazira impuzu (...)

Bamwe mu bakozi ba APRODH bafashwe na Enock Bizimana bazira impuzu bambaye

vendredi 11 Mukakaro 2014

Bamwe mu bakozi b’ishirahamwe APRODH bahagaritswe nk’amasaha abiri muri komine ya Gihosha, bahagaritswe n’umuporisi atwara akarere k’Uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, Enock Bizimana.

Richard Nimubona ajejwe ivy’amabohero mw’ishirahamwe APRODH, hamwe na Mbonimpa Vigyène umwigeme wa Mbonimpa n’umudereva w’umuduga barimwo, bakaba bose bahagaritswe aho bari baroye kuri gare du Nord, baca bajanwa ubutarariye kuri komine ya Gihosha, aho bazize ko bambaye impuzu zariko ibicapo vya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapungwa APRODH, amaze iminsi ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, azira ko yavuze ibijanye n’imirwi y’abasore b’abarundi, bariko baragirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ku bwa bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari ngaho, batangajwe n’iyo nyifato y’uwo muporisi Enock Bizimana. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, avuga ko ari akamaramaza aho abantu basigaye bafatwa bariko bararengana, bagafatwa bazira impuzu bambaye kuko ziriko Petero Karaveri Mbonimpa. Avuga ko abo bari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bagiye kuraba abanyagihugu bariko barafwa, bazira utwo dupira bari bambaye, nabo baca bajaniranywa mu bandi. Umukuru w’ishirahamwe FOCODE asaba abarongoye urwego rw’igiporisi guhana uwo Bizimana Enock, ashobora gufata abanyagihugu bariko bararengana akabahagarika atakibagira, ata n’urupapuro na rumwe aberetse, canke ikosa bakoze ntirigaragare.

Pacifique Nininahazwe agatangazwa n’inyifato igayitse ya bamwe mu bategetsi, bashobora kwigenza nabi mu banyagihugu, bakababuza uburenganzira bwabo, babapfungira ubusa. Mwomenya ko, ukwo haca akanya ariko abanyagihugu nabo baguma bagwirirana kuri komine ya Gihosha kuraba abo bari bafashwe, co kimwe n’abarongoye amashirahamwe atandukanye nka ACAT, OLUCOME n’ayandi. Abari bafashwe bakaba baciye barekurwa, nayo uwabafashe Enock Bizimana akaba atawasubiye n’ukumukubita ijisho.


Aristide Nizigire

Messages

  • PACIFIC HAGUTANGARA, UBWANWA BUZOFUKA UMUNWA, NIMBA UBUFISE WIBONEYEKO!!!!!!!! NTAWUZOGWANYA UMUGAMBI WAMATORA YA 2015 AZIHANGANIRWA!!!!!!! BANDANYA BERENDEGERE YE........................, UWUBUZE UWOBAKINA AKINA NA................................ HAHAHAHAHAHAHHA

  • Erega ico mutazi abo bambara izo mpuzu ntakindi bashaka uretse gushotora Leta,iyo mihimbiri nibayikubite canke bayice kuko ishaka gusubiza abarundi mumakuba,claver arwanya abene burundi uwumushigikiye aba arwanya beneburundi nyene,bacire gufungwa ubuzima bwose barakicwa numuruho

  • pacific igihecose numva uvuga ntakintu nakimwe kuriwewe muburundi gikorwa gikurikijwe amategeko!!!!!!!! mbona wewe ukwiye kwibera umunyepolitike kugira muri 2015 uzube procureure wa repubulika uheze uhindure amateka yuburundi!!!!!!! ariko ntangazwa nakimwe kuki uri intungane, uzi ukuri n’amategeko ukaba ukaba waraterereye muri kaminuza igihe urwaruka rwagandagurwa atacoruzira??????? dufashe hubakwe mukigo ca kaminuza icibutso nkakirya waterereyemwe co mukibimba!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! plus jamais ca

  • Kofi na sihondi murantangajije kuko muvanga ama dosiye.ubu umunyagihugu wese yambaye umupira uriko photo afatwe?ko no muri abo ba police nyene harabo usanga bambaye impuzu z,imigambwe niziriko ama photo yabategetsi kandi ibwirizwa shingiro ritabibarekurira.wocusubizamwo iki?

  • Ariko abobamashirahamwe ngwa haranira ivyicaro muri reta mwibaza kohariho icashobora kumarira abarundi? Oyanamwe nimumbarire ukwokwambara uduhuzu turiko ifoto yuwagomba guta mukaga igihgu mubona atarubundibwoko bwadutse muburundi bwivyihebe vyokwama vyagararije ibivuzwe nubutungane vyose, erega ukwonikwo abavyeyibahomba, namwenimurebe aboba Pacifique ukuntu bayakanuye bavugana urufasoni rukecane ngo igihugu kigezekure! ariko wamusi murikaminuza birirwa bahondagura inkoshi ubunyeshure bwomubwoko bwabahutu bugenzibwiwe burindiriye kujanywakwicwa ntanakimwe yavuga nunomusi ntanumuco arigera ashirahabona kuvyabaye abona nayomasoyiwe!!! Ivyovyose wirirwa uravugana akagagazo ntibizokugira umwera, Jewe narahejeje kugufotora ukumeze kugerubu, Umugutu arwanije iyi reta ucumugira incutiyawe yokumubiri, umututsi arwanije iyi reta ucumugira incutiyawe yokumubiri nako yokumunywa numutwa abonetse arwanya iyi reta ngiranawe kwobukwo, Umuhutu atenyaguje rwartyoze iyi reta acabumwasi kuriwewe, Umututsi atenyaguje ngwartyoze iyi reta acabumwansiwawe numutwa nukwonyene. None ayomahugurwa mwayahawe nabande yokugira ubishirahemwe nindaharanira ivyicaro muri reta kwarukwirirwa muracudika nuwowese artyoza reta amashirahamwenkayo ntakorera mugihgu kirimwo democratie, Ivyiheme ntibishaka amahoro kwatsimbatara ariko murihenda. Nashaka kubagirinama yokugira mwihumwanya muruhuke mufatikanye nabandi mukwubakigihugu nkikiringo cimyaka 5 hanyuma mucamuhaguruka muharanire gukingira ivyomwabiriyakuya nayo mukomeje gurtyo tuzovugako mushaka ko tubumba mumena kukomutazi uburuhe vyaduteje mukubibumba (mukwubaka igihugu nubumwe bwabarundi kandi tuzoburwanira umuhutu yiteho umututsi umututsi yiteho umuhutu umtutsi ,umuhutu biteho umutwa umutwa yiteho umututsi, numuhutu, ivyotwarabitanguye maze abakindisha agakomokomo canke bakinde bagaramwe ntahomuzoduca, Ubumwe bwabarundi tuzoburwanira.

  • Abarundi murafise ingorane y’amacakubiri ari muri mwebwe, nako ari mumitima yanyu. Mbe aho mwagiriza Pacifique ivyo atakoze, mwibaza ko arimwe mwenyene mwabuze murizi ntureka uburundi bwabayemwo nubu bukirimwo? Iya muciye ubwenge mwarikugira muti, amabi yabaye iburundi kubera ivy’ubwoko, intara, n’ibindi birahagije hanyuma mugahindura imvugo mugabo mubanje no guhindura ivyiyumviro. Nayahandi umuntu abumviriza, muvugira abatwara, kandi mutanga ivyiyumviro bipfuye. Nka wewe wiyise SINDIHO nawe KOFFI hakaca haza agahebuza kitwa ngo Mama, murateyisoni kuba mukivuga ngo abahutu, abatutsi, aba canke bariya muri kino gihe tugezemwo. Imitwe yanyu irinyuma nkimyaka cumi nimba ari mike. Knadi ngaha ntawe ndiko ndavura (kuko murarwaye) muga nagire ndabamenyeshe ko Pacifique na bagenziwe (Rufyiri, Armel, Mutama Pierre Claver Mbonimpa, ...) aribo bahagarariye igihugu kugira ntigisubire kurwa mwinkumbi. Iyaba ataribo ntituzi iyo abarundi 90 kwijana baba bageze. Aha nuko muhaze ivyo biharage babahendesha , babashize aho mwiba muca mwibaza ngo babagabiye. Nagire ndabamenyeshe mwebwe nabo mwiyumvira kimwe ko arimwe muhanze urwaruko rwo Burundi bwejo.

  • Iyo nsomye ivyo vyiyumviro vyose, numva nfitiye agahinda abo bantu babuza abajejwe kubavugira kuvuga. Les défenseurs des droits de l’homme ont une grande légitimité nationale et internationale, et ils ont un pouvoir faible, tandis que le gouvernement a un pouvoir fort et une légitimité faible nationale et internationale. Dans un pays pauvre comme le Burundi, une légitimité internationale compte beaucoup plus car nous comptons sur la coopération bilatérale et multilatérale.Abantu bagifata société civile, les médias nkuko ataco bamaze mubareke kuko ntibazi ingene ibintu kuri ino isi bitera bija imbere, bazobona ibintu bibahindukirako batazi iyo vyazananye.

    Merci.

  • @Twikebuke,ndarahihe ndarenzwe kandindimbere y’Imana ntabwo jewe ahongeze nkumurundi ahongeze uyumusi sindahagejejwe nizojavyi uhejeje kuvuga!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! yowafuma uvugako igisirikare cuburundi arico Imana yacishijemwo ububashabwayo baze cerekana mu Burundi nomumakungu ko abarundi kizobarwanira gushikanaho kitagarukira mu Burundigusa nomubindi bihugu kirashikayo gufasha kugarukana amahoro turiho kubw’Imana nabwoturiho kubwizojavyi Pacifiwue,Gabriel, na Mbonimpa ariko Mbonimpa harivyoyakoreye abarundivyiza none abinzigo numuzuno kubera yariyabasumbije gushimwa nabeshi ngabo baramugambaniye bamuhendera mukumubwirango yoryora amafoto yabantubiciwe mubindibihugu bitandukanye kw’Isi uyagirise abarundi ngomaze ucurushirizaho kwemerwa nabarundi namakungu, ivyoyarabikoze maze icubahiro twaridusanzwe tumuha turakimwaka, Nagompamwibuke na Samson amazeguhengwa na Malaya yariyatumwe nabasibiwe kumugambanira yatakaje ingomezizoseyariyarahawe n’Imana. Adamu na Eva nabo baribibereyehoneza mwitongo ryomuri Edeni bubaha Imana Imana nayo ibakunda cane Satani ntiyanejerejwe nuko uwomuryango ukomeza kugiriranira imigengeraniremyiza ni’Imana yaruhutse ibacumuje iciye muguhenda Eva mukumwemezako ivyo Imana yababwiye koyabahenze ngontibarye kuvyamwa vyari kugitikimwe carimwitongorya Edeni ngokuko mukiriye Imana yabonyeko mwocamugirubwengebwishi nkakurya kw’Imana nyene, Eva acaramurya icamwakwacagiti ararya mbere abako numugabo ibararicarirarwa nunomusi nicogituma ububeshi burembeje abantu raba uwemeye agahenda nka Eva agashaka kugambanira igihgu ciwengwakunde abicamamare kw’Isi yose Mbonimpa ama dosie aramurembeje mu Mpmba! Eva nawe yaciriwe urubaza rwokuzokwama arya arukwo abanje kuruha uyumusi Eva nitwebwe, hariho abashaka kurya barusheneza nabandi bashaka kurya babanje kutanga igihgu cabo mukukigambanira, bamwe ni nka Mbonimpa, abandi muzobabona bemera gushinga amashirahamwe yokugambanira igihgu cabo kukobatagize icobavuga amashirahamweyabo yohagarikwa nabasanzwe babahemba umushakara ivyorero bituma bobo ahabandi bifuzako amahoro yotsimbatara boba bishakira kwumva hiryanohino ahabaye injavyi nicogituma amwemwayo mashirahamwe ashaka kwibibi bitogabanuka yumvise injavyi ahozivugira zicazirukangayo kwenyegeza akariro, mwibuke ejo Pacifique ayoyavugiye aho umu polisi yariyahagarikiye bamwe musanzwe bakorera APRODH. Ndasubiyemwo jewe sindiho nagatoya kubwuyo Pacifique icabona n’Imana kuko niyibona vyose ibona nibiri mumwiza.

  • Huuuuh we wiyita Nyoko ! ntubona ko uri igikeha bwenge ! Urasubiye kwiboma ! aho wewe uvuga ubumwe bw’abarundi urabuzi ? canke ico uzi caaane n’amacakubiri ? Ndakubwire uzokwicwa níntuntu , kandi abatutsi uzokwama ubabona , warabonye ko no mu Rwanda vyanse ko babamara ! Nawe ndakwufurije kwicwa nagahinda , ugapfa umutima wawe uturagaye , nka kwifuriza ko uko wikangura imisi yose ubona UMUTUTSI mu maso yawe !

  • Hariho abantu umengo nta bwenge bafise, mwibaza ko bizoherera ngaho!!!! Kandi ivyo bakora umusi n’umusi bizohinduka uruhigi ruhindukire.Kndi uwo bariko barafunga niwe azobavugira nuko bafise ubwenge buke kuko bibagira ningoga batibuka ingene yabakingiye bagomba kwishwa nigisirikare cariho kera!!!! Abo bafashe bambaye imwabaro wa Mutama nibakomere kurugamba kuko ukuri kuzotsinda!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.