IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bamwe mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi birukanwe

Bamwe mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi birukanwe

mardi 28 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bo mu myaka ya kabiri hamwe na bamwe mu bari mu myaka ya gatatu mu gisata c’ubuhinga muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe mu buraro bw’ico kigo kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, ku ngingo y’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi. Iyo ngingo irakuraho kandi iyandikwa ry’abo banyeshure muri uwu mwaka w’2016.

Abo banyeshure bafatiwe izo ngingo bari bamaze indwi yose bahagaritse ivyigwa, mu ntumbero y’ugusaba ko itunganwa ry’ivyigwa (Horaire) ryohinduka, kuko irihari ritaborohereza mu vyigwa. Abo banyeshure bavuga ko bahabwa ivyigwa vyinshi vy’ukwiga ku ndwi ku ndwi, rimwe na rimwe bakabicira hagati kugira bakurikirane ibindi vyigwa. Nk’uko abo banyeshure babishikiriza, n’iyo ivyo vyigwa biheze, ntibahabwa ibibazo vyavyo ku mwanya (Evaluation continue).

Abo banyeshure bo mu bisata vy’ubuhinga birukanwe bakaba batangajwe n’ingingo bafatiwe batari bayiteguriye, mbere bamwe muribo bakavuga ko batabona aho bagiye kuja inyuma y’ukwirukanwa mu bigo vya Kaminuza. Basaba ko ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwohagarika iyo ngingo bagasubira mu bigo vya Kaminuza, kugira impande zose zikorane hatorwe umuti ku bibazo vyose bafise.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.