IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashimiwe n’umukuru w’igihugu kuwa 1 Mukakaro

Abashimiwe n’umukuru w’igihugu kuwa 1 Mukakaro

mercredi 2 Mukakaro 2014

Mu birori vyo kwigina imyaka 52 iheze Uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze ubushimwe ku barundi n’abanyamahanga bakoze birashimwa. Muri abo, hakaba hari abashimiwe ku butwari bagize, abandi kuba bari mubatigeze bavuga nabi Uburundi, hamwe n’abitangiye abandi.

Christine Ntahe

Muri abo bashimiwe, uwa mbere akaba ari Bihome. Uyo yemeye kwigura umwami Mwezi Gisabo, igihe yariko araronderwa n’abadagi. Yaremeye yambara inyambarabami, yigira Mwezi Gisabo, gutyo yemera gupfa mu kibanza c’umwami kugira akize igihugu ntikibure umwami.

Umupfasoni Laurence Ndadaye, nawe nyene akaba yararonse agashimwe. Umupfasoni w’uwiguze intwaro rusangi mu Burundi Ndadaye Melchior akaba yarashimiwe ku kwihangana yagumanye, ndetse gushika kuri iyi saha atigeze avuga nabi Uburundi. Uyo mupfasoni rero akaba yabuze umushingantahe wiwe ku wa 21 Gitugutu umwaka w’1993 agandaguwe. Umushingantahe wiwe niwe mukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu.

Abandi bashimiwe akaba ari umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, Mamadou Ba, umupfasoni Christine Ntahe, Colonel Pontient Hakizimana na Major Gerard Hamenyimana, bakoze birashimwa mu gihugu ca Somaliya, umuporisi Desire Hobonimana, Zephilin Manirakiza, umunyeshure Edmond Harabandi hamwe n’abanyamahanga babiri b’abakozi b’Imana.

Mohamed Rukara umuhuza w'abarundi

Aristide Nizigire

Messages

  • Ubushimwe bwatanzwe neza nta mahinyu mbonamwo cette fois-ci. bravo Pita.

  • Numusi ndabuze ico mpinyura!Hakoze ukuri!Nibaze ko yamanyanga yaheranye na 52 ans

  • Na KAZUNGU yarakwiye kuronka agashimwe kuko nawene arikuvyifatamwo neza muri CONGO be nigisirikare ciwe!!!!!!

  • Nkimara kwumva ko katanzwe ubushimwe ntarasoma ababuhawe abaribo naciyenishiramwo ko umuhuza wabarundi Mohamed Rukara ataza kuburamwo, ngizendacasoma canke ndumviriza nasanze umuhuza wacu Mohamed Rukarara arimwo’ nanjekumutima nti; kabisa. kuvarero ahonagakurikiraniye uko umukuruwigihugu ashimira abakozeneza bikomeza kumpimbara cane umukuru wigihugu cacu arashoboye arakaramba kungoma. Hanyuma iyonibutse urukundo nakunda Ndadaye nkumva umufashawiwe afashweneza nigihugu bintera kunezerwa.

  • ndamaramaye namba muka Ndadaye ashimwe ubu kuvumugabo apfa karabasovye abiyita abagabo.

  • Turanezerewe kukungene umukuru w’igihugu cacu atigera yibagira mu kwibuka umutambukanyi wa nyakubahwa Ndadaye naho abahaciye bose batigeze bamwibuka na gato.

  • Uhmmmmm, voila!!!!!!!!
    Nuko iyo ikaba ingingo. Ntimukihebure! Nyenicubahiro, nihaba hari ivyiza yakoze, n’ico... Umupfasoni Laurance kweli! Ngiyo rero inziraguhemuka y’ukuri, atari bimwe vya nyakuri, ahubwo ngira bifatiye kukunyakura. N’ubugumyabanga ngira umuntu ntiyobushira kure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.