IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu gisata c’ubuhinga bazindukiye mu myiyerekano

Abanyeshure bo mu gisata c’ubuhinga bazindukiye mu myiyerekano

mercredi 29 Nzero 2014

Abanyeshure biga mu mwaka wa mbere mu gisata c’ubuhinga muri kaminuza y’uburundi bazindutse bugarije aha korera umushikiranganji ajejwe inyigisho za kaminuza, basaba guhindurirwa igisata.

Imbere y’ahakorera umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza, hazindutse hugarijwe n’abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuhinga «science», biga mu mwaka wa mbere. Abo banyeshure n’abahoze biga amashuri y’ubuhinga bw’uburimyi n’ubworozi «ITABU» mu nyigisho z’amashuri yisumbuye, ubu biga mu gisata c’ubuhinga «Science» muri kaminuza y’Uburundi.

Ndagijimana David icegera c’uwurongoye abo banyeshure avugako baje gutura umushikiranganji ikibazo bafise. Ico kibazo si ikindi, n’uko abo banyeshure bahoze biga mu mashure yigisha uburimyi n’ubworozi ITABU, inyuma y’ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za Kaminuza, bashizwe mu gisata c’ubuhinga «science». Ivyirwa biga muri ico gisata ni bishasha kuri bo, kuko ataho bisa n’ivyo bize muri« ITABU ». Ivyo rero biraheza bikaba ingorane kuko ivyo vyirwa biba bishasha kuri bo mu gihe hari abandi bari mw’ishuri rimwe bahoze biga mu mashuri y’isumbuye ivyirwa bisa ni vyo bariko biga ubu «Enseignement Général».

Nk’uko David abandanya avuga, ivyo bibazanira umwimbu w’amanota make canke bikazana kunanirwa kuvamwo kwirukanwa muri kaminuza kubera amanota make. We n’abo aserukira, basaba guhindurirwa igisata bavanwe mu gisata ca «science» bajanwe mu gisata cigisha ibijanye ni vyo bize mu mashuri yisumbuye. Ku mpapuro bari bafise, hari handitse mu gifaransa ngo :«Université du Burundi: Demande de la modification du Groupe Science en FABI »

Paul Banderembako, icegera c’umuyobozi wa kaminuza wewe avugako ico kibazo c’abo banyeshure ataco yarazi, kiretse ikete ry’abo banyeshure yabonye ku munsi w’ejo igenekerezo rya 28 Nzero. Banderembako amenyeshako ivyigwa vyagizwe n’abahinga mu vyirwa vya kaminuza mu mwaka 2008, basanze abanyeshure bo mu gisata cigisha ibijanye n’uburimyi «FABI» botangura mu gisata c’ubuhinga «science», kandi ko bidatanguye uno mwaka kuko aba mbere bari mu mwaka wa kabiri. Paul Banderembako abonako abo banyeshure bakengereye ubumenyi bafise, kuko ivyo bahoze biga mu mashuri yisumbuye atarivyo bategerezwa kubandanya muri kaminuza. Uwo mutegetsi asaba abo banyeshure kurondera umurwi wobaserukira hanyuma baheze babumvirize.

Mwomenyako abo banyeshure bari bahagararanye n’abaporisi bababuza kwinjira mu kigo gikoreramwo umushikiranganji. Ariko mu nyuma bikaba vyacureshe, abo banyeshure baraheza baguma mw’irembo ricamwo umushikiranganji.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.