IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bigishijwe n’abambaye impuzu zirabura

Bigishijwe n’abambaye impuzu zirabura

vendredi 24 Nzero 2014

Amasendika y’abigisha ariyo STEB, SLEB na SYNAPEP yo mu Burundi yafashe ingingo yo kwama agira yegereyegere y’iminsi itatu buri ukwezi, ndetse bagatonda ku mashure bambaye impuzu zirabura, ivyo bikaba vyakurikijwe na bamwe mu bigisha bo mu gisagara ca Gitega na Bujumbura.

Mu mashure amwe amwe yo mu gisagara ca Gitega, abigisha bahurikiye muri ayo masendika bari bambaye impuzu zirabura, bakavuga ko bariko bagaragaza akababaro kabo, kubona mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha uyu mwaka itashizemwo ukunganisha abakozi agashahara.

Mu gisagara ca Bujumbura naho nyene ako kamo k’abigisha kakaba kitabwe mu mashure amwe amwe, aho abigisha bari batonze ku mirimo bambaye impuzu zirabura bavuga ko bahembwa amafaranga make, bakavuga ko barushwa amafaranga na bamwe mu baplanton bakorera mu bisata bimwe bimwe vya Reta.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa avuga ko abo bariko barahagarika ubuzi batazohembwa, naho abo bigisha bo babibonamwo iterabwoba, bakavuga ko buri ukwezi bazohagarika akazi iminsi itatu itatu, kuko basanze mu mafaranga azokoreshwa na Reta uyu mwaka bo batazoshirwa ku rugero rw’abandi mu mishahara, ngo imishahara inganishwe.

Umupfasoni Sendazirasa arongoye ubushikiranganji rero akaba avuga ko iyo yegereyegere y’abigisha ishobora kuzotuma ibiganiro bari baratanguye, eka n’ibindi bijanye n’uyo mugambi bidindira, ndetse bitume ahubwo batazohembwa n’umushahara wabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abobakwiye inkoni kuko bibukeko bizebakamenyubwenge ariko bagashaka ko abana bacu baba ibijuju.nimwikebuke ivyo musaba mubisabe mubwitonzi.yomwabamuzi abamaze amashure bariko barigisha batazohembwa kugira bazoronke akazi,ntimwari kugirivyo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.