IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Beatrice Nyamoya yagirizwa kugumuka n’ukugumura abadandariza mu (...)

Beatrice Nyamoya yagirizwa kugumuka n’ukugumura abadandariza mu mabarabara

jeudi 23 Nzero 2014

Icaha c’ukugumura abapfasoni badandariza hafi y’aghahoze isoko nkuru ya Bujumbura nico cagirizwa umupfasoni Beatrice Nyamoya, ivyo akaba yabibonye ku mutahe yarungikiwe na BSR (Bureau Special de Recherche), inyuma yaho yasabwa kwitaba inyamiramabi kugira abazwe n’ibindi bijanye n’ukugumuka.

Umupfasoni Beatrice Nyamoya

Umupfasoni Nyamoya ari kumwe n’uwumuburanira umushingwamanza Semanzi Remesha, akaba yitavye kuri uyu wa kane mu gatondo igenekerezo rya 23 Nzero uyu mwaka. Yabajijwe ibibazo vy’agasakisaki bishika icumi, muri ivyo bibazo uyo mupfasoni akaba yabajijwe ko yemera kuzofata mu minwe ikibazo cose kizoshikira barya bapfasoni badandariza mw’ibarabara, na rirya ariwe yagirizwa kubabuza gukurikiza amategeko ava hejuru, ikindi naco akaba yabajijwe igituma ariwe avugira abo bapfasoni, eka akaba yanabariwe ko hari abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, boba barabariye igiporisi ko uyo mupfasoni Nyamoya yoba yarababujije ku va mu mabarabara, bakanka gukurikiza amategeko.

Umupfasoni Nyamoya akaba avuga ko ivyo bibazo vyaboneka ko bifise imforo, narirya yabajijwe n’inyamiramabi zibiri, ibitari bimenyerewe. Umupfasoni Nyamoya akavuga ko avugira abo bapfasoni kuko ari mu mashirahamwe akurikirana agateka k’abakenyezi. Uyo mupfasoni kandi, asaba abaporisi n’abandi bose ko bokorana, kugira kugira ico kibazo c’abo bakenyezi gitorerwe inyishu.

Semanzi Remesha aburanira Nyamoya Beatrice

Uw’uburanira uyo mupfasoni Remesha Semanzi, akavuga ko ivyo vyose ari irementanya kuko Nyamoya atanakimwe yabariye abo badandariza mu mabarabara. Remesha amenyesha ko ku munsi wa mbere uza, ariho vyinshi bizomenyekana, kuko inyamiramabi zariko zirabaza uwo aburanira ari bo Annicet Hakizimana na Therence Sabushimike zemeye ko ku munsi wa mbere hazoba haje abagiriza uyo mupfasoni ko ariwe abagumura, ndetse ari nawe yababariye kutumva ivyo basabwa n’abajejwe intwaro, bakaguma badandariza mw’ibarabara.

Tukabamenyesha ko kuri BSR hari abantu batandukanye, harimwo nka Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe rikurikiranira agateka k’abapfunzwe APRODH n’umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.