IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bubanza : Abanyeshure bane bagumijwe mw’ibohero

Bubanza : Abanyeshure bane bagumijwe mw’ibohero

mardi 5 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu runani FENADEB (Fédération Nationale des Associations Engagées dans le Domaine de l’Enfance au Burundi) ruhurikiyemwo amashirahamwe yitaho agateka k’abana basaba ko abanyeshure bapfunzwe bagirizwa icaha c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu borekurwa, n’ingingo zose zifatirwa abo banyeshure zikisunga ineza y’abana.

Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FENADEB abisavye inyuma y’aho banyeshure bane bo mw’ishure nshingiro ryo mu ntara ya Bubanza bakurikiranwa ku caha co kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, barengutse ubwa mbere kuri uwu wa kabiri, muri sentare nkuru ya Bubanza.

Abo banyeshure basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2016, bakaba bagizwe n’abigeme babiri hamwe n’abahungu babiri.

Abavyeyi b’abo banyeshure barababazwa n’ingene haphunzwe bamwe mu gihe hari abandi bagirizwa ko bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, isanamu iri mu bitabu vy’ishure abo banyeshure basanzwe bakoresha.

Mu gihe abo banyeshure bari mu munyororo bari baramaze gukora ibibazo vy’ukurangiza igice ca nyuma c’umwaka w’ishure, abavyeyi babo basaba ko borekurwa, bakaja gukora ibibazo vy’ivyigwa bazosubiramwo, kugira umwaka ntuzobabere impfagusa.

Tubamenyeshe ko abanyeshure indwi bahora bapfunzwe mu ntara ya Ruyigi bagirizwa ico caha co gufutanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA barekuwe na sentare nkuru ya Ruyigi kuri uwu wa mbere, aho akaba ari mu gihe abakurikiranwako ico caha nyene mu ntara ya Muramvya bagumijwe mw’ibohero.


IGIHE

Messages

  • jewe iconosaba muko bobadunuza iyomihimbiri bahendwa nabanyeporitike babahenze none uretsubujuju bwabobanye shure none kobarikuborera mumunyororo ababahenze harico barkubafasha? nakare kudahanimbwa kwororimisega. mubahane

  • Imana Ibaheimitimayokwihangana Kuko Beshimuribo Bariko Bararenganywa Bigira Umwe Bigahitana Beshi

  • IMANA IBAHE UMUTIMA WOKWIHANGANAKUKO ABESHIMURIBOBARARENGANWA KUKO BIKORA UMWEBIGAKWEGERABOSE

  • Ntangorane Imana Irababona

  • UMUNTU AREKURA ABOBAMENJA MUMWIGEHO ABONABOKUREKUGW ABOBARIKUMWE NAMUNYENBARI HANA ABABASARA BAKURIKIRANWE MPAKB

  • mbega basha ko ababatumye natabavugira ngo barekurwe?

  • Mugabo Vrt Nakarenganyo Ntakuntu Bamwe Botaha Abandi Ntibatahe Kandi Bagirizwa Icaha Kimwe

  • NIMUBAREKUKUKOIMANA UWABIGIZE IZOMUHAIGIHANOBAKWIRANYE ARIKOABAGABOBARARYAIBWAZIKISHURA.BAVUKANYIBENEWACUNIMUREMESHE ABOBANA NTIBIHEBURE.UWANKA AGAKURA ANIGAUMUTAVUKUBWANJENDABIPFURIJENONGERANDABASABIRA UBUZIMABWIZA AHOBARIHOSE IMANAIBAHE UMUTIMAWOKWIHANGANAKANDI URINDARUGABO .NDABIGUSAVYEMANA.

  • Ikigihugu cacu cu Burundi abitwa ngo barakirongoye barantangaza cane! harihibintu bakora ukibaza intumbero yavyo ukayibura, ariko ubikurikiranye usanga muvyo bakora, babikoreshwa kugikenye cumuntu kanaka. nkugushira ifoto ya nkuru nziza mubitabo vyabana bakoresha mukwiga bisiguriki ? nigiki co yakoze muburundi cotuma ya ndikwa mubitabo kikabera icigisho abana buburundi ? hariho INCUNGU ZU BURUNDI bakoze ivyiza abo nibo bakwiye gushirwa mubitabo. na yu wo, ndavyita kwishira mukibanza adakwiye.Abobana nuguhohoterwa gukomeye kuribo ntacaha bakoze cotuma bafurwa. Abacamanza nabo baribakwiye kwisubirako bakiha agateka kabo ntibazokwandikwe mubantu bahohoteye agateka kibibondo kwisi, kutaraba igitsure ni bwo bushingantahe nikwo kuri.

  • Ako N’akarenganyo Ataho Gafatiye;bafash Amashur Bayaciy Iyondoyondo,muzob Murandabir Mumyaka Cumi Irimber,aho Ntakirakorwa.

  • imana izobakurayo.ariko mwibukeko aribo burundibwejo mbega kobaguma bafunga batarekura,uwuzovayo wewe harumutima wogukunda igihugu azogira?iciza azokora azobarikugira inabi gusa.

  • NIVYUKURI ABANA BARAGIZE AMAKOSHA CANE.ARIKO IGIHAMBAYE RETA YORABA INGENE IBAGIRIRA IKIGOGWE HANYU BAKABANYA BIGISHA ABANA KWUBAHA NUGUSONERA ABAGANZA.ABAVYEYI BASUBIRE KUNDERO YAKERA MUGUHANURA NO KWIGISA IBIBONDO.

  • Bernard ,abobana barakwiye kubaha ikigongwe,gusa aba vyeyi babo bana nibo arikibazo.Bafata abana bakabashiramwo politike mbi.Igihambaye nuko barikubabwira abo bana ati nimwige kugira muze mugende gukina politike barize nivyo bihambaye cane.Ahandiho ntibizoroha.Abavyeyi bamwebamwe bagomba gukora nka baba nyepolitike bafashe baashira ugwaruka mwibarabara bakabaha ibiyayura mutwe.Baca barahunga.Imana ibagirire imbabazi.

  • Ndibaza ko abobanyeshure bose bagirizwa akogakosa borekurwa atakirinzwe gusabwa nankurunziza ntiyera hamwe nimbonerakura ziwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.