IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Ishure nshingiro ntirizotuma hari abigisha birukanwa

Burundi : Ishure nshingiro ntirizotuma hari abigisha birukanwa

mercredi 8 Rusama 2013

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’indero umupfasoni Roza Gahiru, amenyesha ko abigisha bamwe bamwe bataziruknwa mu kazi kabo kubera ishirwa mu ngiro rishasha ry’ishure nshingiro.

Umushikiranganji w’indero mu mashure mato, ayisumbuye no kwigisha abakuze gusoma no kwandika yongeye amenyesha ko ivyirwa vyahora bitangwa n’umwigisha umwe ari cumi na bitatu ubu bigiye kwegeranirizwa mu vyirwa bitandatu, maze bice vyigishwa n’abigisha babiri.

Yongeye amenyesha ko kuva muri uku kwezi kwa Rusama, ibikoresho mfasha mwigisha bizoba vyabonetse. Ku bijanye n’aho abanyeshure bogirira ubushakashatsi kuko havurwa ko ibikoresho bitarakwira, umushikiranganji yishura ko Leta iriko irakora uko ishoboye kugira ishure ryose rigire ibikoresho bikwiriye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.