Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Ishure nshingiro ntirizotuma hari abigisha birukanwa
Burundi : Ishure nshingiro ntirizotuma hari abigisha birukanwa
mercredi 8 Rusama 2013
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’indero umupfasoni Roza Gahiru, amenyesha ko abigisha bamwe bamwe bataziruknwa mu kazi kabo kubera ishirwa mu ngiro rishasha ry’ishure nshingiro.
Umushikiranganji w’indero mu mashure mato, ayisumbuye no kwigisha abakuze gusoma no kwandika yongeye amenyesha ko ivyirwa vyahora bitangwa n’umwigisha umwe ari cumi na bitatu ubu bigiye kwegeranirizwa mu vyirwa bitandatu, maze bice vyigishwa n’abigisha babiri.
Yongeye amenyesha ko kuva muri uku kwezi kwa Rusama, ibikoresho mfasha mwigisha bizoba vyabonetse. Ku bijanye n’aho abanyeshure bogirira ubushakashatsi kuko havurwa ko ibikoresho bitarakwira, umushikiranganji yishura ko Leta iriko irakora uko ishoboye kugira ishure ryose rigire ibikoresho bikwiriye.
Aristide Nizigire
Messages
8 Rusama 2013, 09:57, par Mpabonimana jean Berchmans
Vyoba binezereje cane mugihe umwigisha yokworoherezwa kandi barabe nibijanye nagahembo kiwe kongerezwe,reka kubirindire!naje nari umwigisha ariko narahunze kubera inzara!