IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ECONET Wireless Burundi na AFCA bemeje amasezerano yo gukorera (...)

ECONET Wireless Burundi na AFCA bemeje amasezerano yo gukorera hamwe

jeudi 16 Nzero 2014

Ishirahamwe AFCA ry’abarimyi b’ikawa bo muri Afrika (African Fine Coffees Association) na ECONET wireless Burundi bateye umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu ntumbero yo gufashanya guteza imbere umurimyi w’ikawa.
Muri ayo masezerano yatanguye kuri uwu wa kane, AFCA na ECONET Wireless Burundi biyemeje gushigikira igiterwa c’ikawa gisanzwe cinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu.

Igihugu c’Uburundi kizokwakira kuva ku genekerezo rya 15 gushika kurya 16 Ruhuhuma 2014, inama izoba ibereye ubwa mbere mu Burundi, igira iya cumi na rimwe y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe AFCA ( African Fine Coffees Association) rifise icicaro mu gisagara ca Kampala. Mu masezerano yo gukorera hamwe yateweko umukono hagati Robert NSIMBIRWA arongoye AFCA na Anthony Masozera, umuyobozi mukuru wa ECONET Wireless Burundi, basezeranye ko abazokwitaba iyo nama n’abarimyi b’ikawa bazokoresha uwo muhora n’ibindi bidandazwa vya ECONET Wireless Burundi.

JPEG - 3.7 Mo
Anthony Masozera, umuyobozi mukuru wa ECONET Wireless Burundi, niwe yateye umukono kuri ayo masezerano

Ku ruhande rw’abarimyi b’ikawa, akarusho kazoba ari uko bazoshobora kuza bararonswa agahembo k’ikawa bazoba badandaje bitagoranye kuko bizohora bicishwa ku buhinga "ECOCASH" bwa ECONET Wireless Burundi. Nk’uko vyasiguwe na Cyrille Nibigira, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe ECONET Wireless Burundi, ikibazo c’amafaranga y’abarimyi b’ikawa yahora abashikira atevye, bigaca bituma basanga bagiye muvyo gusaba amadeni arihishwa ingereka (umurwazo) kigiye gutorerwa inyishu mu kuyabashikiriza mu mwanya muto, kandi mu buryo bwizewe butuma ayo mafaranga adashobora kuzimirira mu nzira.

Abashora ikawa bo mu Burundi, biciye mu buhinga bw’umuhora wa ECONET bazokwama barungikirwa ubutumwa bugufi bubabwira uko igiciro c’ikawa cifashe mu Burundi no mu makungu, kugira bashobore nabo kumenya ingene bacirirana mu kudandaza batazimbwe. Ubwo buhinga bushizweho mu gihe mu Burundi igiciro cahora kimenyekana rimwe mu ndwi zibiri, kandi gihindagurika ku mwanya ku mwanya.

JPEG - 4.3 Mo
Cyrille Nibigira, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe ECONET Wireless Burundi

Abarimyi b’ikawa nabo baharurwa mu bihumbi amajana atandatu, mu butumwa bugufi bazohora barungikirwa, bazomenyeshwa amakuru ajanye n’ihindagurika ry’ikirere, ari nayo azobafasha kwitegurira irima. Bazohabwa kandi n’amakuru abamenyesha ibikorwa bigezweho mu bijanye n’ugutera, ugukata ikawa, ugusasira hamwe n’ugupompa.

JPEG - 3.4 Mo
Robert NSIMBIRWA, arongoye ishirahamwe AFCA

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.