IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Edouard NDUWIMANA yasubije mu mabanga musitanteri wa komine (...)

Edouard NDUWIMANA yasubije mu mabanga musitanteri wa komine Muyinga

lundi 7 Mukakaro 2014

Evelyne IZOBIRIZA yari yakuwe mu mabanga n’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga yasubijwe mu kazi n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA. Imvo yatumye amusubiza mu kazi, Edouard NDUWIMANA akaba avuga ko ari kubera yasanze ivyo yagirizwa bitagira ifatiro.

Inyuma y’amezi icenda ari musitanteri wa komine ya Muyinga, Evelyne IZOBIRIZA yari yakombowe muri ayo mabanga n’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga. Cumi na babiri kuri cumi na batatu bari bitavye inama nibo bafashe iyo ngingo yo gukura Evelyne IZOBIRIZA. Yagirijwe ko yasesaguye amatungo ya komine, akaba kandi yagirizwa kuba adashoboye kurangura amabanga yo kurongora iyo komine, hamwe n’ugutangisha amafaranga abavyeyi yo kwubaka amashure nshingiro kandi atagirishije inama ababijejwe.

JPEG - 13.9 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Kuva agikurwa muri ayo mabanga, Musitanteri Evelyne IZOBIRIZA akomoka mu mugambwe CNDD FDD yavuga ko arenganywa, ahubwo ko yanswe n’abo bagize inama mpanuzwajambo ya komine kuva kera. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA yafashe ingingo yo kusubiza mu mabanga.

Mw’ikete Edouard NDUWIMANA yarungikiye buramatari w’intara ya Muyinga, yamumenyesheje ko afuse ingingo yari yafashwe n’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga yo kwirukana Evelyne IZOBIRIZA. Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga ko yisunze icegeranyo c’ubugenduzi bw’ikigega ca komine.


Egide Nduwimana

Messages

  • BACA UMUGANI NGO NTA MUROZI ABURA UMUKARAVYA ...EDOURAD TWAJA TWABONA ICO ATUMBEREZA BASSI ..UBWO BU DD MUZOKWICA NIMBA ATABAHA IBITURIRE N IBINDI NKUKO TUBAZI... !!!!IZABIRIZA URICUMA MAWE ABA DD BAGONA BARI MASO WARI UZI NGO MWUMVA BIMWE >>????BARAGUHENZE MAWE ARIKO UZE UBATWARE UUBITONDERE IVYO BIKARASHWA UMENGO NTA MUTUTSI AFISE IKIBAZA IWABO NI MAQUILLAGE GUSA ,,IJISHO KU RINDI ,,,RINDA...

  • BACA UMUGANI NGO NTA MUROZI ABURA UMUKARAVYA ...EDOURAD TWAJA TWABONA ICO ATUMBEREZA BASSI ..UBWO BU DD MUZOKWICA NIMBA ATABAHA IBITURIRE N IBINDI NKUKO TUBAZI... !!!!IZABIRIZA URICUMA MAWE ABA DD BAGONA BARI MASO WARI UZI NGO MWUMVA BIMWE >>????BARAGUHENZE MAWE ARIKO UZE UBATWARE UUBITONDERE IVYO BIKARASHWA UMENGO NTA MUTUTSI AFISE IKIBAZA IWABO NI MAQUILLAGE GUSA ,,IJISHO KU RINDI ,,,RINDA...

  • jewe mpanuzwajambo ko mfata ingingo yomfasha gutezimbere komine yanje jewe ndayiraramwo,umugabo aba i bujumbura mubiro, aguma asoma amategeko y’1972,ari nayo amurekurira gukora nkaho hambere,akanciramwo,ngiye kwihorera kugira nsinyire umushara wanje gusa!ibindi navyo,potelea mbali!

  • Nduwimana yasambuye imigambwe myinshi ubu naho ageze gusambura CNDD FDD. None uwo Musitanteri azokora gute atari kumwe n’inama ya komine hamwe n’abanyagihugu. Iyindi migambwe iraronse urubuga ikorerako. Uravye ivyabaye mu Kayanza, ibivugwa muri Mairie, Mu Cibitoke n’ahandi, uyo mugabo Nduwimana arabifisemwo uruhara runini. Muragabe rero intsinzi twaronse turushe ntiduce mi myanya y’intoke.

  • ewe edouard wakoze gushiraho urya mu tutsikazi kandi mugabo ntusamare ni mwiza

  • Eduard NDUWIMANA gira mahoro. Jewe rero sindandira cane ariko unkundire nkubaze gato woba wibuka ko Conseil commuinal itorwa n’abanegihugu? Muribuka ko namwe muri nommé par Décret? Ngo nuko muri Nommé, kagiye ingani uce unanganange usuzugure abitorewe n’abanyagihugu erega harya i Muyinga wacumise urutoke mu jisho ry’abanyagihugu batoye irya conseil communal. Ukobiri kose kirya gitigiri cari cakuye urya Musitanteri emwe ni kini vyumvikana ko bose batanka urya mupfasoni, ntusamare ngube séduit par la dame en question.Guba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.