IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ferederiko Bamvuginyumvira yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba

Ferederiko Bamvuginyumvira yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba

lundi 9 Kigarama 2013

Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba ubu ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, ari imbere y’ubutungane aho yatanguye yagirizwa ivyaha bine, ariko ukwo akanya kahera, bikaba vyagenda biragabanuka. N’aho bimwe mu vyaha yagirizwa vyamuvuyeko, ntivyabujijwe ko yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba.

Agishika muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura ari kumwe n’umupfasoni Josephine Nzeyimana, bamwagiriza ivyaha nko kurenga ibigo, gushaka gutanga igiturire, kugarariza inzego, ariko haciye akanya ivyo vyaha bikaba vyaciye bigabanuka, aca yagirwa no kurenga ibigo hamwe no gutanga igiturire.

Ferederiko Bamvuginyumvira yafashwe n’inzego z’igendereza ku munsi wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama uyu mwaka, aho bivurwa ko yoba yari avuye kwa muganga gusuhuza umuntu w’incuti y’uwo mupfasoni Josephine Nzeyimana asanzwe nawe nyene ari umugenzi w’umuryango wa Bamvuginyumvira, ndetse akaba ari no mu mugambwe Sahwanya Frodebu, baca bajanwa kubazwa, aho bagirijwe icaha co kurenga ibigo.

Igihe bashika muri sentare mu gatondo ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama, babajijwe ariko bikaba vyanuganurwa ko bashobora kurekurwa, canke bakajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Haciye haza itegeko rivuga ko bajanwa muri sentare yo kurwanya ibiturire. Ababababuranira, bakaba bamenyesha ko ari ibitangaza biriko biraba kuri uyo munyacubahiro yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, kuko ivyo bariko baramwagiriza bitagira ifatiro, usomye mu mategeko mpana vyaha. Ndetse bakavuga ko ari irementanya bariko baragiramugirira.

Ferederiko Bamvuginyumvira yicaranye na Josephine Nzeyimana

Umupfasoni wa Bamvuginyumvira asanzwe nawe nyene yari aho muri sentare gukurikirana urubanza rw’umugabo wiwe, amenyesha ko vyamutangaje cane, kuko uwo bavuze ko yari kumwe n’umugabo wiwe, asanzwe ari umugenzi w’umuryango wabo, agatangazwa kandi n’ingene we atigeze yitwara ko umugabo wiwe yarenze ibigo. Umupfasoni wa Bamvuginyumvira, akaba yavuze ko iryo ari irementanya, ariko rifise ico rigamije muvya poritike.

Tukaba twobamenyesha ko muri urwo rubanza hari abantu batari bake, harimwo abo mu muryango wa Bamvuginyumvira, umuryango wa Josephine Nzeyimana, abahoze bari mu nzego zikomakomeye z’igihugu nka Marina Barampama yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Leonce Ngendakumana yahoze arongoye inama nshingamateka ubu akaba arongoye umugambwe Frodebu n’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta, hamwe na bamwe mu bigeze kuba abashingamateka, abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’abanyagihugu batari bake.

Inyuma y’aho sentare ijejwe kurwanya igiturire imwumviririje, haciye hafatwa ingingo y’uko yojanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba, aho agiye kurara ijoro ryiwe rya mbere, ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama 2013

Ferederiko Bamvuginyumvira ariko arayaga n'umutambukanyi wiwe
Ferederiko Bamvuginyumvira hagati ya Marina Barampama i bubamfu na Josephine Nzeyimana i buryo

Aristide Nizigire

Messages

  • Abarundi muratangazakurengibigo nicaha gikomeye cokujanwa mwibohero urwo nurubanza rwomumuryango sivyasentare none yamufashe kunguvu canke barumvikanye!!!! Mbega uwitwaye numugabowuwomugore!!!!! Ahoho umugore wiwe niyitware kobamutwaye umugabo mbega ntawugihaagacupa uwundi bacabavuga niruswa!!!!!! Imanza nkizo nizomumuryango ahubwo bakwiye kuraba zazindi nyene birengagiza zikomeye caaane.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Mbe Burundi uriko uja he! Imwe iyi nkuru ni irementanya.Ni ukugira bamutyoze.Sabe Reta ivyo bintu ibireke kuko ntaho bizobashikana.

  • Yemwe igihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka je n’ibaza ko dutwagwa n’abasazi biruka ubwo abantu batwara igihugu cacu koko barakomeye neza mumutwe, ubwo kizigenza koko arazi imana , jewe nibaza ko ibintu biriko biraba muburundi ntibishobora guhera uko jewe nibaza ko ari agasema jewe ndabibabariye.

  • Emwe uzosubira gutangazwa nivyo DDD ikora azabaze ndumiwe hajegera Peter n abiwe...Ariko barihenda mbe aba dd uwobafatira adultere hosigare nde!!!VIH SIDA bararonse baca bakwiza hoose mu bwana bubafyeta !!!imana izobahana yihanukiriye naho bamaze kwiyubakira ibitaro muri Kamenge n ahandi...

  • ahubwo abo ba DD barantangaza!Nimba baziko akunda abakobwa,bashaka kumufatisha bomutuma umwana yiga muri secondaire hanyuma bakamumwagiriza!Mbega bobo bari bafise abandi bagore bamwe bakanabica ko badutwara tukanuma!Mwibaza ngo ntitubimenya!Mbega aho yabaha igiturire yari acumuye iki?Abirirwa barabasambaniriza kwa Adolphe bahagarikiwe n’ibihangange ntibabasambanya nketswe uwo mupfakazi ata n’umugabo yifitiye!Hamwe twoza turabafotora uko tubabona,mwese mwoherera mu Mpimba!Rondera irindi rementanya nta rubanza mufise!nayo ADC nobasaba kwirinda icoza kibafata gifise imvo!

  • Ruswa ndabibonye itangwakwishi kubona umugabo aduga kumugore wantuza yafatwa umugorewiwe agaseruka avugakwababajwe nifatwa ryumugabowiwe!?

    Jewerero ukondabibona ubutungane mbokurako icocaha cokuduga kumugore ataruwiwe hanyuma musigare mumukurikiranaho ibindi,icotubonye nuko abagore bamwe bicishabugufi bakarenza!

  • eka noneho n’umugore w’imyaka 49 kandi w’umupfakazi.biratangaje cane, nirementanya kabisa, ahantu umugore wiwe avuga ko ari akarenganyo iyo ngeso umugabo wiwe atayo afise, komera freddy bariko baguha inguvu zo kuba Mandela, nawe nyene yapfunzwe azira ubusa ko agumura abanyagihugu.

  • vyabananiye vraiment,iyi leta siyo kweri,ubwo nabana bacu bateye umugera babonye ko bofata freddy arikumwe nuwungana kurya?vyaba vyo cank atarivyo ntacaha kimushira mumpimba kirimwo.

  • Nkurunziza ahurara utaryamye utegura irementanya ubura kugira imigambi yoguteza imbere i gihungu.biramaramaje president wigihungu araratataryamye atuma iperereza kurementanya.hige hagere fin decembre atumeko aba pasteur ngo ibikorane.ba pasteur ndabaze ni mwihe iteka nti musubire kwitesha agaciro .raba ibintu biba mu burundi bigirwa na president ba rwembe ntibakomwa .gatumba .Manirunva...ba kadege..imbonerakure.ntukuva umu pasteur yagiye azobataye icizere ku Mana no kubakirisu

  • Ahubwo barisebeje aba dd, uravye ingene gusambana babigize ubuhizi, maze bobo ntibaraba umwana n’uwukuze. On vous connaît mes chers dd. Murekure uwo mushingantahe, mufise ikindi mumuhora mukivuge. Ibindi vyo aho mwayobewe nk’uko mwamye. Bavyita kwisebya. Courage Freddy urarenganye mais Dieu le Tout Puissant azokurenganura Wihangane

  • Ariko vrmnt mwaba dd gragzabasi mwicar nka15’mwihanur? Frddy nimumurkur nimbamutahaz ikibi kuvahomwakidukorey?police ejo nimwmuzobibazwa,burira ntibutbakumpshi. Jmurantwnza,ahomuzubwng kudusumvya?kadgg mwahatsw kumuca sexe,abandimucamazosi abandi muhza mwibuy?ahomudusumvya infromatique? Nukuri àvotr volonté gragzamumaramar mumurkur. Ariko saîde juma ngutwara mairie?ahuraryama ugatoragatiro? Nyakubahwa prsidnt vamurakogacrr abonabagucafuza cank murafatanij? Mana twarngew gragza utwiyrk mwikigihugu cacu. Aba dd mufis kazozakab on vrra voir.ok

  • Nimukore ibibi nkintavyara nuwutavyara afise abamuvyaye kandi afise umuryango kuremantiriza umuntu s’umuti waherayo
    Nuwunishe ab’avuze kuvugamenshi siko kuyamara

  • Ubu ho vyabuze. Mwaravye musanga Bamvuga niwe musambanyi ari mugihugu?Mwasanze ko umushingantahe nkuyo n’umupfasoni nkuyo aribo bokwagirizwa ico caha?Mbe ko uburundi aribwo bwambere muvyukurya igiturire ni Bamvuga yagishize kumurongo wambere avec une corruption de 200 000 Fbu?Ehe ndabereke, genda muje muma Hotel ruguru ari nka Vendredi aho buca bakorera ibikorwa rusangi mwirabire ukuntu ayo ma Hotel yuzuye abagabo baryamana n’abakobwa bakiri bato.hanyuma muje kwa Adolphe kuri 144 canke iwabo n’abasigaye murabe ukuntu abategetsi basangire n’abakobwa bakiri bato imbere yokuja kubasambanya.Birateye isoni n’agahinda.Hama murabe zirya nzu zirirwa ziraduga zaba Bunyoni (gasekebuye), Adolphe (kigobe), Edouard Nduwimana muri 9 Ngagara na Kigobe...murabe amahera bahembwa muce mubwira ko Atari ibiturire n’ubusuma gusa. Ba Rwembe bamaze abantu hariho abasemerera, ubutungane bwaramurekuye. Ehe mugabo bafashe umushingantahe Bamvuga. MANA tabara uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.