IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC : Imvugo ya Edouard Nduwimana ntibereye umushikiranganji wa (...)

FORSC : Imvugo ya Edouard Nduwimana ntibereye umushikiranganji wa Reta

mercredi 13 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana agereranya amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nk’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Iyo mvugo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu itavuzwe ubwa mbere iranegurwa n’ayo mashirahamwe. Mu runani FORSC ( Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) bamemnyesha ko bitabereye umushikiranganji yari asanzwe ajejwe ayo mashirahamwe mu bikorwa vyiwe.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo, umushikiranganji Edouard Nduwimana ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yasubiriye kumenyesha ko amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yigenza nk’imigambwe itavuga rumwe na Reta. Ivyo yabivuze yisunze ko ayo mashirahamwe ashikiriza ibitajanye n’ibikorwa biyemeje mu gusaba kwemererwa gukora.

JPEG - 65.3 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yatanze akarorero ka Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), asanzwe ari nawe yahora aramutswa urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Kubw’umushikiranganji Edouard Nduwimana, Pacifique Nininahazwe yopfuma ahindura izina ry’ishirahamwe arongoye, agashinga umugambwe hako yoza arinyegeza inyuma y’ukudaharanira ivyicaro vya poritike.

JPEG - 7.6 ko
Pacifique Ninanahazwe yagirizwa n’umushikiranganji Edouard Nduwimana kuba akora poritike mu kwigenza nk’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi

Mu runani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ari naho ishirahamwe FOCODE risanzwe riri, baranegura iyo mvugo umushikiranganji Edouard Nduwimana akunze gukoresha, kuko icanishamwo abahurikiye muri ayo mashirahamwe, kandi ikabateranya n’abarundi. "Uwo mushikiranganji ntiribaye irya mbere amenyesha ko abantu batotangara babonye ishirahamwe FOCODE ribaye nk’umugambwe FNL, canke umwe mu yindi migambwe. Iyo mvugo y’umushikiranganji asanzwe ariwe akurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike iratangaje. Yerekana ikazikira, canke akayigo asanzwe afitiye amashirahamwe amwe amwe, na cane cane amashirahamwe aza arashikiriza ico yiyumvira ku vyerekeye ivy’intwaro y’igihugu, ukungene igihugu kiriko kiratunganwa n’ingene amatungo y’igihugu akoreshwa."

JPEG - 669.4 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civil)

"Ivyashikirijwe n’uwo mushiranganji bifitaniye isano n’ikibazo kidasanzwe c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro"

Haraheze iminsi hari ikibazo c’ibwirizwa shingiro rishaka guhindurwa mu kanywababu, bashiremwo ibitumvikanweko hagati y’abandi bose vyega. Abanyeporitike batandukanye bariyamirije uwo mugambi umeze nk’uwuje gutosekaza ubumwe bw’abarundi n’amasezerano ya Arusha. Ishirahamwe FOCODE, biciye ku mukuru waryo Pacifique Nininahazwe riri muri abo badahengeshanya gusemerera ko ubutegetsi bworeka kwigungana uwo mugambi uraba ubuzima bw’abarundi bose, n’abatari muvya poritike barimwo. Vital Nshirimana arongoye urunani FORSC afata ivyo vyashikirijwe na Edouard Nduwimana nk’ugushaka gutera ubwoba abo bose baharanira intwaro rusangi. Kubwa Vital Nshimirimana, imvugo y’umushikiranganji Nduwimana itesha umwanya abari kuba bariko baharira ku bibazo nyamukuru bihanze igihugu. Vital Nshimirimana yatanze kandi akarorero k’umushingwamanza Isidore Rufyikiri nawe aheruka gusabirwa gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi bamwagiriza ko yakoresheje imvugo ityoza ubutegetsi. Nk’uko vyabandanije bisigurwa na Vital Nshimirimana, ukwo ni ukurondera kunumya abo bose bashira ahabona ivyokosorwa.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yoba atashimishijwe n’urunani amashirahamwe 519 adaharanira ivyicaro vya poritike yagize kugira yiyamirize isenyurwa ry’amasezerano ya Arusha n’ihindurwa gihutihuti ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Imvugo yiwe rero isa n’iyije guteranya abanyagihugu n’abahurikiye muri ayo mashirahamwe.

Vital Nshimirimana yibutsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko kuba mw’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya poritike bidasigura guca uhindukiriza umugongo ibibazo biri mu gihugu bijanye n’ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo n’intwaro ibereye. "Umushikiranganji Edouard Nduwimana yari akwiye kuvavanura n’iyo mvugo kuko idatanga isanamu nziza ku gihugu. Umuntu yumvise iyo mvugo itandukanye n’ivyo Reta iba yariyemeje, nk’ukurwanya igiturire, guharanira intwaro ibereye, guharanira iterambere ridakumira, yoca yibaza namba iyo Reta izoshobora kurangura ivyo yiyemeje mu gihe umwe mu bashikiranganji bayo afise imvugo itandukanye n’ibishikirizwa na Reta arimwo."


Egide Nduwimana

Messages

  • Erega ingorane dufise aha iwacu nuko umuntu wese ari npemuke ndamuke, inda zacu nizo zikitugoye mugabo ico nama mvuga nuko twese tujana inzira imwe atanumwe ajana nigiceri kandi atanumwe yiyubakira inzu, twese turibwa ninyo, iyoba babizi ivyo umuntu wese yogira neza mwenewabo.

  • Mbega Edouard Nduwimana kuberiki abona igitotsi kiri mujisho ry’uwundi ariko ntabone ikiri murigwiwe mbegawe yotubwira ko ariwe arangoye imigambwe itavugarumwe na ADC IKIBIRI ? mbegawe ko yivanga mubibazo vy ’Imigambwe akareka gukora ivyo ajejwe kandi Imigambwe yonyene ariyo yo kwiyunganya igatorera inyishu ibibazo biyiraba
    Urumvarero ntavuge abandi
    N’amenye ko atavyera derere kandi atavyirabura tsiriri

  • Ministere de l’Interieur n’amashirahamwe adaharanir;ivyicaro vya politike, harageze ko bikubit’agashi bikore ico vyiyemeje ata kwisuka mu bitabaraba. Nduwimana Edouard na Nininahazwe Pacifique, bakwiye kutarabana ribi kuko n’ubuzi batabusangiye. Kimwe mbona, ni ukubahana no gusoner’amategeko y’igihugu. Bisubiriye, izo ndyane canke ubwoba hagati y’abo bagabo uko ari batatu, Edouard Nduwimana-Agathon Rwasa-Pacifique Nininahazwe, ni uko umwe wese yipfuza kuba Umushikiranganji w’Intwaro Hagati mu Gihugu. Nibaza ko ico kibanza umwe wese kimubereye.

  • Mbega mwibazo ngo nabo gusa ? Ikibazo nyamukuru mugihugu cacu c’Uburundi nuko atawukorana nuwundi . Urayobegwako abantu bari muri Leta imwe canke ko abo bantu boba bariko baronderera ineza igihugu bose ugasigwa ! Tureke gutangura kurondera inyungu tutarakora. Ntihagire ubesha ngo ntanyungu arondera , ariko amenyeko inyungu iza munyuma .

  • Uyo mu eduard amenye ko ivyo yakoreye aba nya Kirundo bitibagiwe afise nawe ama dossiers akomeye ariko verite reconciliation niza azojugumira turamurindiriye...atoteza abatutsi kuruta n abahutu ,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.