IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gerrit Van Russum yashikirije umukuru w’igihugu amakete amugena

Gerrit Van Russum yashikirije umukuru w’igihugu amakete amugena

lundi 28 Gitugutu 2013

Uwagenwe kugira aserukire igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yashikirije umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gatondo ko kuri uyu wa mbere amakete amugena muri ayo mabanga. Gerrit Van Rossum yasubiriye mu kibanza cahoramwo Jean Lamy aheruka guhindurwa.

Gerrit Van Russum agiye guserukira Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko agiye kubandaniriza aho mugenzi we asubiriye yari agejeje mu migenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubufaransa, imenderanire yita myiza kandi igeze kure agereranije n’imigambi imaze kurangurwa mu bisata bitandukanye n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi.

JPEG - 60.9 ko
Gerrit Van Russum, aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi

Nk’uko vyamenyeshejwe na Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimiye Ubufaransa budahengeshanya gufata mu mugongo Uburundi, kuva bukiri mu biganiro vy’amahoro i Arusha, gushika n’ubu igihugu kiri mu migambi yo kwubaka igihugu no kurwanya ubukene.

Uburundi, nk’igihugu gisanzwe giterera agacumu k’ubumwe mu kugarukana amahoro aho yahungabanye, Gerrit Van Russum, aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko igihugu c’Ubufaransa citeze urugendo rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gihugu c’Ubufaransa, aho azoba yitavye inama idasanzwe ku mutekano wa Afrika ( Sommet France-Afrique de l’Elysé).

Gerrit Van Russum yashikirije ayo makete amugena mu mabanga yo guserukira Ubufaransa mu Burundi mu gatondo ko kuri uyu wa mbere aho hitezwe inama yo kurabira hamwe aho ivyo abafasha Uburundi biyemeje mu nama yabereye i Geneve bigeze, n’Ubufaransa bukaba burimwo. Iyo nama izomara iminsi ibiri i Bujumbura yuguruwe icese n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Ibiza kuvamwo tukaba tuhava tubibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.