IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Giharo : Abanyeshure bo mw’ishure ry’uburimyi bari muri yegereyegere

Giharo : Abanyeshure bo mw’ishure ry’uburimyi bari muri yegereyegere

mercredi 5 Ntwarante 2014

Abanyesuhure biga mw’ishure ry’uburimyi n’ubworozi ry’i Giharo mu ntara ya Rutana, bari muri Yegereyegere ku va ku wa 4 Ntwarante uyu mwaka. Bagiriza umuyoboziko w’ishure kubafata nabi.

Kuva aho abo banyeshure bankiye kubandanya baja mw’ishure, umuyobozi wabo atabogojwe, inama yihuta yaciye ikorana, irongowe n’umuyobozi w’indero muri komine ya Giharo, ari kumwe n’uwo muyobozi ariko ariyamirizwa n’abaregwa biwe, cokimwe n’abaserukira abandi muri abo banyeshure, kugira batorere hamwe ikibazo, kugira ivyirwa bibandanye, kuko nk’uko umuyobozi w’indero yabimenyesheje, umwanya utakaye, ntugaruka.

Tukabamenyesha ko iyo yegereyegere yabo banyeshure ije, mu gihe igice ca kabiri c’amashure y’intango n’ayisumbuye cariko kirarangira, amwe mu mashure nayo akaba ari mu bibazo vy’ibntango. Abo banyeshure rero b’i Giharo hamwe batoshobora kugira ico bashitseko muri iyo mibonano bariko baragiriranira n’abayobozi babo, bashobora kuzotaha, bataronse amanota y’igice ca kabiri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.