IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ibiganiro ntibishoboka abanyeshure ba kaminuza batagira ababaserukira

Ibiganiro ntibishoboka abanyeshure ba kaminuza batagira ababaserukira

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko abajejwe indero ko bari bakwiye kunyarutsa gutorera inyishu ikibazo gihanze igisata c’indero kuko kiriko gisubiza inyuma igihugu muri rusangi.

Ku kibazo kimaze iminsi mu makaminuza ya Reta, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sylvestre Ntibantunganya asaba intererano y’abo biraba bose. Ku bwiwe, abo ico kibazo kiraba bose bokora ibishoboka vyose kugira umwana w’umurundi, na cane cane nyarucari aronke ubumenyi.
Sylvestre Ntibantunganya abandanya avuga ko Reta itobifata minenerwe, kuko ikibazo gifatiye mu rwaruka kiba gikomeye, kanatsinda ntikiba kikiraba Uburundi gusa, ahubwo kiba kiraba akarere kose, kuko Uburundi atari igihugu cirebanga. Reta rero yari ikwiye kuraba ntifate ingingo ziza zisubiza inyuma akanovera k’inyigisho mu Burundi.
Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya ahamagarira uruhande rw’abanyeshure n’urwa Reta gushira imbere ibiganiro.

JPEG - 48.7 ko
Sylvestre Ntibantunganya, yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu gihe ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bumaze kwongereza ikiringo c’ukwiyandikisha incuro zibiri zose abanyeshure barahira kwitabra akamo k’umushikiranganji, Sylvestre Ntibantunganya asigura ko ikibazo c’abo banyeshure kigoye, kuko mu gihe badafise ababaserukira, ntibashobora kwemera gutonda ku mashure. Ntibantunganya Sylvestre ati : "Kuri ubwo rero, biragoye kuvuga ko abantu bokwicarana baganire kandi batagira aho bavugira n’ababaserukira"
Ku bwiwe, ubu nta nzira n’imwe ihari yo kuganira. Abaza ati, none umushikiranganji yohava akagiranira ibiganiro n’abanyeshure ibuhumbi cumi birenga? Ahubwo yoganira n’abaserukira abandi, aho mukibuka ko abanyeshure batanu baserukira abandi birukanwe mu kiringo c’imyaka ibiri muri kaminuza za Reta.

Tubibutse rero ko ikibazo c’ugusubira kw’ishure mu makaminuza ya Reta cabaye akayoberabahinga. Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta bamaze indwi zirenga zitatu batiga. Imvo zabatumye bahagarika ivyigwa akaba ari zimwe zisubiramwo uko agafashanyo kazotangwa, hamwe n’imwe mu ngingo yafashwe n’umushikiranganji yo kwirukana mu kiringo c’imyaka ibiri abanyeshure batanu baserukira abandi. Muri kino gihe, umushikiranganji asaba ko basubira ku mashure, hama batangure ibiganiro, abanyeshure nabo bati : "Mu gihe ingingo zafashwe zidafuswe, ntiturota twemera gusubira ku mashure."


Floxella Karire

Messages

  • abenegihugu bubu Burundi Nibikubite Agashi Basubiz Kwishur Uburundi Bwuno Musi Aribwo Burundi Bwa Kazoza,barek Kuba Nkawa Mwana Wigito Yacuka Agasiga Aciye Ibere Nyina.Nabon Biz Baronka Agafashanyo Kand Ibiciro Ntivyari Bwadug Uku Kuraho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.