IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza birukanwe mu kigo c’i Kiriri

Abanyeshure ba kaminuza birukanwe mu kigo c’i Kiriri

vendredi 26 Kigarama 2014

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwafashe ingingo y’ukwirukana mu bigo abanyeshure b’i Kiriri. Bagenzi babo bo mu bindi bigo baheruka guhagarika ivyigwa bamenyesha ko batazosubira mu mashure umugwi w’abasirikare bo muri ISCAM bakubaguye abanyeshure bo muri iyo kaminuza bahanywe.

Inyuma y’aho abanyeshure ba Kaminuza ya gisirikare ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires) barwaniye n’abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi, ivyigwa vyaciye bihagarara muri Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure bo muri ISCAM baca batangura kwankirwa kwinjira mu kigo c’i Kiriri, aho hose abanyeshure bagasaba ko umugwi w’abasirikare bo muri ISCAM bakubaguye abanyeshure bo muri iyo kaminuza bohanywa.

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bukaba bwafashe kuri uwu wa kane ingingo y’ukwirukana vy’akanya gato abanyeshure mu bigo vya Kaminuza i Kiriri, abo banyeshure bakaba bazogaruka babanje guhamagarwa.

Abo banyeshure bariyamiriza iyo ngingo y’ubuyobozi bwa kaminuza yo kwirukana mu bigo abanyeshure b’i Kiriri, kandi bariko basaba ko abakubaguye bagenzi babo bohanwa, kugira ntihabe ukwihorahorana hagati y’abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abo muri Kaminuza ya gisirikare (ISCAM).


Egide Nduwimana

Messages

  • Erega ababo ba dd umengo ntsbwenge bagira mabanyeshamba gusa.

  • None kobaribahisemwo gusaba ivyobasaba bahavaritse ivyirwa nonekubirukana sicokimwe ningingobaribifatiye bonyene ubwabo yoguhagarika ivyirwa jewenumva babakamiye mucogeje! Jewe harihibintubintangaza mbentamuntu yosaba ivyasaba ari Ku kivi?

  • NTAHO TUZOSHIKA TUGIFISE ABATEGETSI BIJUNJA ATA JAMBO BAGIRA, INDA ZABO NTIZIGERA ZIHAGA, NIBARABE BOROHEREZE ABO BANYESHURE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.