IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kermess > Ibirori vyo gusezera Spok’s vyarimwo abakobwa bambura umpuzu zimwe bambara (...)

Ibirori vyo gusezera Spok’s vyarimwo abakobwa bambura umpuzu zimwe bambara izindi

samedi 21 Ruheshi 2014

Igiteramo co gusezera umuririmvyi Spok’s arangije amashuri y’isumbuye, caraye kibaye nk’uko cari cipfujwe, nta gucerwa ku masaha canke ibikorwa vyari ku rutonde. Abaririmvyi batandukanye hamwe n’abanyatugenegene bo kw’ishuri Lycee de la Plaine batanguye kuryosha ibirori.

JPEG - 1.1 Mo
bariko bifotoza bakura zimwe bambara izindi

Ibirori vyateguwe n’ubuyobozi bw’ishure Lycee de la Plaine ryaranzwe n’udukino, intambo, n’abaririmvyi, bamwe bo kuri iryo shuri hamwe n’abandi bari baje kwifadikanya n’umuririmvyi Spok’s yari yateguriwe ibirori.

Uri abakobwa batamba imvyino z’ikirundi, abakina udukino tw’ivyese, uri abakobwa batamba indirimbo mvamahanga, eka ibirori vyari bihimbaye. Abanyeshuri barwiriyemwo abana bakiri bato, abahungu n’abakobwa bavuza akaruru uko abaririmvyi biga kw’ishuri rimwe bagiye ku ruhimbi.

Bamwe batamba, abandi baja kwifatisha amashushu(kwifotoza), abandi abacupa y’ibinyobwa mu minwe, ubuyobozi buguma bungenzura co kimwe n’abo basangiye kurera, eka umunsi wari uwabo.

JPEG - 1.1 Mo
Diomede BIzimana

Twahavuye tuvugana n’umuyobozi wa Lycee de la Plaine, Diomede Bizimana yatubwiyeko intumbero y’igiteramo ari kwifadikanya n’urwaruka rufise ico ruriko rumarira ishuri, harimwo umuririmvyi Spok’s, hamwe n’umukinyi azohava aja mu gihugu ca Afrika y’epfo mu nkino za Coca Cola. Diomede ati:"iyi n’intango kuko mu minsi iza bizotegurwa bikwiye kuko uno munsi ribaye irya mbere." Diomede arakengurukira abanyeshuri bazanye iciyumviro maze bakitegurira uwo munsi.

Amakuru dukura ku muririmvyi Spok’s inyuma y’igiteramo arashimira abamenyeshamakuru bitanze kugira ivyo bikunde.

Amashusho atangaje mu birori vyo gusezera umuririmvyi Spok’s


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.