IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kermess > Igiteramo co gusezera umuririmvyi Spok’s cageze

Igiteramo co gusezera umuririmvyi Spok’s cageze

jeudi 19 Ruheshi 2014

Isango ry’igiteramo categuwe n’ubuyobozi bw’ishure "Lycée de La Plaine" cageze. Umuririmvyi Spok’s yagiteguriwe ariteguye kwakira abaririmvyi bagenzi we bazoza kumushigikira kuri uwo munsi w’intaraboneka.

Iryavuzwe riratashe, ku ncuro ya mbere kuva ishure "Lycee de la Plaine" rishinzwe, nta giteramo giteguwe n’uburongozi bw’ishure cari bwabe. Ngico ca giteramo c’ubwoko bwa "Kermess" kizoreshwa na Spok’s arangije amashure yiwe kuri iryo shuri cashitse. Spok’s ari kumwe n’abaririmvyi bagashobozi mu muziki nka Franck G80, Peter Niyo, Preeze 36, Wawa, Small Dog, Pim, Indimu, bazobica bicike aho bukera.

Spok’s, mu kiganiro na IGIHE.bi, avuga ko intumbero ya "Kermess" yateguwe n’umuyobozi w’ishuri kuko ari nawe yafashije mu nteguro. Intumbera nyamukuru y’ico giteramo ni ugushigikira abanyamyuga ishure rifise. Bitanguye uno mwaka kubera umuririmvyi Spok’s yiga kuri iryo shure atako adakora kugira rimenyekane. Ku bw’ivyo, umuyobozi ashaka gutera intege abari inyuma ya Spok’s (we agiye kurangiza amashure y’isumbuye), abashoboye ibi canke biriya biga canke bazoja kwiga aho kuri Lycée de la Plaine.

Soma vyinshi ku rupapuro ntangazagiteramo aha munsi

Mwomenya ko umuririmvyi Spok’s ari mw’ihiganwa Isanganiro Awards n’ururirimbo "Siko nabisanze", asaba abakunzi biwe kumuhunda amajwi.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Siko Nbisanze" rwa Spok’s


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.