IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu yaraye mu minwe y’igiporisi

Icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu yaraye mu minwe y’igiporisi

vendredi 6 Kigarama 2013

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frederic Bamvuginyumvira, ari mu minwe y’igiporisi, ico yagirizwa kikaba kitaramenyekana gushika n’ubu.

Amakuru ava mu mugambwe akomokamwo Sahwanya Frodebu amenyesha ko yafashwe ejo ku wa kane ku mugoroba n’inzego zo mw’igendereza, aca ajanwa muri BSR aho yoba ari gushika n’ubu. Bamvuginyumira rero akaba asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, umugambwe usanzwe uri mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta, ADC Ikibiri.

Tukabamenyesha ko yafashwe mu gihe hamaze iminsi hari icuka kibi hagati y’imigambwe ihurikiye muri urwo runani ADC Ikibiri na Reta, aho bariko bariyamiriza integuro y’ibwirizwa nshingiro, ndetse bakaba bari banamaze guhamagarira abanywanyi bahurikiye muri ADC Ikibiri, kwitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa nshingiro, kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama, uyu mwaka turimwo.

Aristide Nizigire

Messages

  • Ibi Navyo Nibiki? Ibi Vyogufunga Abadahuje Iciyumviro Numugambwe CNDD-FDD Rizogezahe Igihugu C’uburundi? None Bariko Bashaka Ko Bahagaritsa Ivyiyamamazo Iriko Itegurwa Kuruyu 09-12? Ahubwo Ico Nobahanura Nibakore Ivyo Babasaba Hama Bumvikane Ingorane Zive Munzira Nahubundi Bitaruko Imyiyamamazo Izoba Kuko Birimuvyo Bemererwa.

  • Bariko bata umutwe ukwo nukwihenda nibareke IKIBIRI? ARIKO ABO BANTU BIYIBAGIYE IYO BAVUYE NINGENE VYAGENZE IGIHE BICA NDADAYE AHO UKWO NUGUKOZA AGATI MU NTOZI ZIRABATORAGURA CANKE ZIBINJIRE MU MPUZU IGIKURIKIRA BATE NIZO BAMBAYE. IVYO NTACO BIMAZE IBIKWIYE NIBUMVIKANE

  • Ivyari vyo vyose, ndababaye ku mutima. Ubantu nka Bamvuginyumvira, quelque soit ikosa, Leta ikwiye kuraba ikibanza bashirwa mwo. Hama imanza zabo zikirwa ningoga. Ata bibanza, ils peuvent rester chez-eux, mais en résidence surveillée. Ni n’uko mbona vyogenda kuri Radjabu. Ntihobura incuti n’abagenzi baza baragenda guhanura n’inyifato ibereye nya bategetsi bakwiye gufata, cane cane ku neza y’abanyagihugu n’igihugu cacu, u Burundi.

  • jewe ndi mu kibiri, ariko rero uyu musi ntiyabeshewe kuko yafatanywe itonga aho yariko arenga ibigo, twese twaguye mu gahundwe. gusa urashobora kuba ari umutego w’aba dd, ariko iyo ngeso kandi ni mbi

  • Ahubwo nasanze aba CCdd bubahuka kumwe bafata Nyakubahwa yahoze aricegera cumukuru wigihugu Kadege Alphonse bakubita nuko bagomba kugira Felederic Izo DD Ntamahoro zikeneye ariko ???????? On this day bazobimenya Jewe nigeze kubabwira yuko IBURUNDi ko dutwagwa Nibuyi murabihakana; BARUNDI Hagurukire rimwe ;yaba Umututsi Umuhutu; Umutwa;Incuti nabagenzi; Mubihugu bifasha Igihugu cuburundi Gukuraho Iyontwaro yagacinyizo nagahotoro kugira tuyisenyure ;ariko Imana Ntibesha???? Niyasumba mubutu; Kadafi;They will get probleme as falaon womuri Bibiriya ok .

  • Burya aba dede baraciye kuntebe yishure! None ivyo bariko baragira bibazako abantu basinziriye,canke bibaza ko vyokunda kumuntu wese aba umu dd!nimureke umurundi wese aterere mu kwubaka ico gihugu cacu,mwubahirize basi kiremwa muntu ,ntimuje gutwara gusumba uprona kuko experience ntimugira namba,ejoaho bukra muzova kubutegetsi .none muzoca mujahe?

  • Yihangane kabisa yagiye ataraguje. Ariko YEZU yavuze ati:" ...... uwutarabikora amubanze ibuye.....". Aba dd nabo ndazi ko ibikorwa nk’ivyo numvise yafatiwe, bari mu bambere babifisemwo uburambe. Mwihane mwese abantu mukora mwe nivyo bintu. YEZU Ntabikunda namba.

  • iyodusenga irakomeye! irimwo iragaragaza inkozizikibi

  • Abo bantu bishitse bakaronka ubutegetsi inkumi zi bujumbura zobabuza gutwara neza!

  • None Umugore wiwe niwe yamwitwariye?Naho yoba yarenze ibigo nibazako SNR atarico ijejwe sinon nta benshi bosigara kabisa!Abo ba DD baja gusambanira Iwabo N’abantu(Abasigaye) ko badafatwa?
    Erega abafise abagore babiri bose ni bapfungwe kuko bararenze ibigo!
    Ni Politique iriko irakora basha reka guhendana.None uwufise uwundi mugore mu modoka aba avuye gusambana?ahoho ntihagira ama Missions muzosubira kujanamwo nimba ari ivyo!

  • Ndakubwiye kwaribana nubwo nabandi bobabashobora kubababikora oyanibara kuruwo munyacubahiro jewenzi!

    Iyoooooooh? Mbegantuze wuvise ivyaraye bibaye kuri Bavuginyumvira F !!!???

  • barasambanye bararua none ngo bafa!!!canke nuko umusambanyii mukuru nibo aremvye!!!Ariko mama we turagowe babasanze he ,,!!None ninde ababaye,

  • barasambanye bararua none ngo bafa!!!canke nuko umusambanyii mukuru nibo aremvye!!!Ariko mama we turagowe babasanze he ,,!!None ninde ababaye,

  • yoooooooooooooooo twabahinyuye nukuri, basomyi nukuri atari irementanya. ntawe bafashe, ahubwo ni umutego, bashatse bamuburagize kuko ariwe azitoza mu kibanza ca ADC.abadd bataye umutwe...eka noneho iwabo wabasigaye nubu uwojayo, yosangayo abantu bari muri ivyo, abategetsi benshi baraharitse ariko ntibafatwa.nibamureke yigire kuko namba ariwetuzotorantakabuza adc imuduhaye tuzomwemeza

  • aba dd bataye umutwe ivyo basigaye bakora biramaramaza .nkurunziza uwo muntu wambika ibara kucubahiro warufise!ivyo ugira obama yobigira!canke aba presida ntibangana.ivyemera uta vyemera uterezwa kudatwara ikiringo cagatatu.hamwe wotwara u burundi bwoba buriko buja mumanga.birya urya muvuga butumwa womu rwanda ntiyabeshe.ndatangara ingene uja gusenga hanyuma ukaguma utuma adolph kwica.uzokwica gushika ryari!!erega ivyo iperereza rikora bibazwa nkurunziza kuko niwe abatuma kwica

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.