Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihiganwa ku bamenyeshamakuru bitayeho kurusha inkuru zo gukingira (...)
Ihiganwa ku bamenyeshamakuru bitayeho kurusha inkuru zo gukingira ibidukikije
samedi 26 Gitugutu 2013
Mu kigo kijejwe kugenzura ibinyamakuru CNC (Conseil National de Communication), guhera mu mwaka w’2012 kiratunganya ihiganwa ku bamenyeshamakuru, yaba abo ku mboneshakure, ku nsamirizi hamwe no ku binyamakuru. Muri iryo higanwa bakaba baha agashimwe umumenyeshamakuru aba yarashikirije ibiganiro canke inkuru zifise ico zirushije izindi.
Ihiganwa ryo gutanga agashimwe ku bamenyeshamakuru bose bitanze mu gushikiriza ibiganiro canke inkuru zirushije izindi. Muri uno mwaka, ako gashimwe kakazotangwa mu gisata c’ibidukikije. Petero Bambasi, umukuru w’urwego CNC amenyesha ko abantu 12 bavuye mu mice itandukanye aribo batowe kugira baze basorongore neza abazoba barushije abandi muri iryo higanwa.
Abamenyeshamakuru bakaba bahamagariwe kuzojana ibiganiro canke inkuru bashikirije kuva mu kwezi kwa Nzero gushika kuwa 25 Gitugutu ku vyerekeye ibidukikije.
Mwomenya ko igenekerezo rya 2 Kigarama gushika isaha 11 z’umurango ariryo sango ryo gishikana ibikorwa vyakozwe.
- Petero Bambasi, umukuru w’urwego CNC
Floxella Karire