IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ijambo rya Pasikari Nyabenda ryiyamirijwe na bamwe mu batumire b’urunani (...)

Ijambo rya Pasikari Nyabenda ryiyamirijwe na bamwe mu batumire b’urunani rw’amaradiyo

vendredi 27 Kigarama 2013

Inyuma yaho umuvugizi wa Reta y’Uburundi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu ari kumwe n’abavugizi b’ubundi bushikiranganji butandukanye bashikiririje ivyaranguwe muri aya mezi atandatu, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike nabo co kimwe n’abari mu migambwe itandukanye, bakaba baciye batumirwa n’urunani rw’amaradiyo asamiranira mu Burundi, kugira nabo bagire ico bashikirije ku vyavuzwe n’abo baserukiye ubwo bushikiranganji.

Muri ico kiganiro rero, ivyavuzwe cane akaba ari ibijanye n’ijambo ry’umushingamateka Pasikari Nyabenda, aho yabariye abagumyabanga ba CNDD FDD i Mutaho ko ijambo rya nyuma ku kibazo co guhindura ibwirizwa nshingiro rifise inama nshingamateka y’Uburundi, kuko aribo batowe n’abanyagihugu. Abari batumiwe muri ico kiganiro bakaba baneguye iyo mvugo y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, mu gihe umenga abari mu Kigobe kuyaga kuvyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro kwoba kwari ukubakinisha.

Agathon Rwasa avuga ko ariwe arongoye FNL

Agathon Rwasa avuga ko arongoye umugambwe FNL akaba yamenyesheje ko umukuru w’umugambewe CNDD FDD yari mu ngoro y’amakoraniro nk’abandi bakuru b’imigambwe bose bari batumiwe, ari naco gituma umushingamateka Nyabenda ataburenganzira afise bwogutegeka ku vyohinduka ku vyo bumvikanye, kandi vyashimwe n’abari batumiwe eka n’amakungu yari aho nk’abatumire.

Eka no mumugambwe Uprona bavuga nk’ukwo. Jean Baptiste Manwangari akaba amenyesha ko mu ntwaro rusangi ibwirizwa nshingiro ari indahiro ntarengwa, atawurikinisha yaba umutegetsi wese. Ingingo y’ 299 ikaba ivuga neza ingene ibwirizwa shingiro rihinduka, ari naco gituma ibwirizwa nshingiro ridakwiye gukinishwa, mu gihe abarundi batandukanye biyamiriza uburyo integuro y’ibwirizwa nshingiro yari yatunganijwe na Reta. Umugambwe CNDD FDD rero ukaba usabwa kumviriza impanuro zatanzwe n’abihebeye Imana, ndetse n’abandi bose batandukanye uravye amajambo bashikirije, aho basavye ko ivyashitsweko vyoshirwa mu ngiro.

Justine Nkurunziza arongoye COSOM

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yaba Justine Nkurunziza arongoye COSOM canke Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, bose bakaba basavye inama nshingamateka kudakorera ku vyo Pasikari Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD yavugiye i Mutaho. Ku bwabo, hamwe Inama nshingamateka yoba ariyo ifise urufunguruzo rwa nyuma ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro, batari kwirirwa baratumako rirya sinzi ry’abantu kuko bari gutora ayo mategeko yabo bonyene kurya bama bayatora batiriwe barabatesha umwanya. Nininahazwe Pacifique we akaba yavuze ko n’inyishu zatanzwe ku bibazo vyabajijwe wasanga zidafashe, ahubwo agasanga amafaranga yakoreshejwe mu gutegura ico kiganiro c’abavugizi b’ubushikiranganji, yari gupfuma afasha abarwariye mu mavuriro atandukanye.

Tukaba twobamenyesha ko muri ico kiganiro hari hatumiwemwo n’uwuserukira PISC Burundi Sammuel Nkengurukiyimana, aho we yasavye ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bowureka ugashobora kurangura imigambi wiyemeje, kuko ari umugambwe watowe n’abanyagihugu, maze amasezerano y’Arusha akarekwa gufatwa nk’igitabo ca Bibiriya, aho umenga ivyumvikanyweko ntivyokomwakomwa. Ku bwiwe rero, ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi niryo ryofatirwako cane kuko ari ryo riri hejuru y’amasezerano y’i Arusha.

Jean Baptiste Manwangari yaserukiye umugambwe Uprona
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Aristide Nizigire

Messages

  • UWOFATA AKIYUMVIRA NEZA UKO LETA YA NKURUNZIZA YAKIRA IVYIYUMVIRO VYABANDI CANKE YUBAHIRIZA AMASEZERANO HAGATI YABO NABANDI YOSHOBORA KUMENYA UKO IMEZE KO ARIVYINGUVU CANKE ARI INGINGO AKAMENYA ICO AFATA.IKIMBABAZA ABA AMBASADERI BABA BABIZI IVYARIVYOSE NTIBATANGA RAPORT NEZA IL FAUT VERIFIER.MR6

  • None uyu Samuel avuga uko yasobanuye ingene ibintu bihindurwa, ko atari CNDD-FDD ou Umukuru w’igihugu afata ingingo wenyene. Ivyo yavuze birashoboka ariko ba nyene Igihugu bose bavyemeye. Ntimuze mushinga amashirahamwe ashigikira l’Etat cane cane CNDD-FDD.

  • nivyizako umuntu wese yomenyako umuntu yipfuza icubahiro;eka na kahise keza
    yokwama yiyumvira neza uko kahise kiwe komera.guhendwa nuwutoguhenze birababaza.p6

  • uwo Nyabenda namusaba ivyo yipfuza vyose bishikira igihugu ko vyohera iwe. Hanyuma niyumviriye imvugo yiwe N’umwansi wigihugu. Kandi ibizoba vyose bibi k’Uburundi azobikurikiranwako kugatwe kiwe kandi yibuke ko bwira budashira Impeshi.

  • Namye mvugako birya biganiro ari inkinamico!Uwo mushingamateka ari muri Commission yokwubahuka kurenga kuvy Umukuru w’Umugambwe yavuze yoba nde?Rindira bahendeshe UPRONA akantu urabeko ritazokwemerwa kurya riri!
    Mbabajwe n’umwanya Abatama baraho barongoye amashengero bataye ngo baje mu ma nama!Iyo bigira aho bakorera ntibari Kubura Imitima na mikeya bakiza!

  • Erega ivyo nyabenda yavuze ntibitangaje na nagato !mwibagiye ko bamushize harya nkumuntuwo gushikirizaivya atumwe nabamukoresha,baribaziko arikirwarudubi.naweibizoshikira ico gihugu cacu azovyemange.

  • Ndabisubiyemwo, jewe si ndi umuyoboke wa CNDD-FDD, ariko mbona ko inkoro yabo n’aho itabuz’utunenge, inshimisha kuruta iyindi Migambwe. Muri rusangi, ndabivuze n’isunze umutekano mu gihugu n’ukuntu abategetsi/DD bagerageza kwishura ibibazo vy’abanyagihugu. Ku bwanje, narashimye atelier du 19 au 20 Decembre yateguwe na Assemblee Nationale. Ivyiyumviro vyagiye bitangwa n’abatumire b’abarundi, ndumva ko bizogira ico bishitse ko ku hinyanyurwa ry’Ibwirizwa Nshingiro. Abakibideha banavug’amajambo bishakiye, ni abagomba guter’uruhagarara mu gihugu bitwaje inkuru zidafashe kandi z’ibinyoma. Amajambo umukuru w;Umugambwe CNDD-FDD yashikirije i Mutaho, aratomoye ko Assemblee Nationale na Senat ari zo zifis’ijambo rya nyuma ku bijanye gushikiriza abanyagihugu Ibwirizwa Nshingiro rinoboye. Babifitiy’ububasha kuko batowe na benegihugu. Rero, simbona amakenga iyo societe civile n’abo banyepolitike bafise. Les ateliers de Kayanza-Kigobe n’iyi conference des portes-paroles des differents ministeres, zaje zitomorera neza imigambi n’ingingo ziriko/zigiye gufatwa kugir’igihugu cacu cogorore, coye kwama kivurwa uko kitari. Abamenyeshamakuru bose ni ho bari bari n’abanyagihugu bamwe bamwe bashikiriza ibibazo bitandukanye vyari biteye ishinga mu Burundi. None nka Pacifique Nininahazwe, Leonce n’abandi bazoheza basubire kuvuga iki contre le pouvoir CNDD-FDD ? Kimwe na atelier de Kayanza, ko ata muntu n’umwe numvise asaba ko FNL isubizwa Agathon Rwasa, none mwumva abo bantu bajeje iki abarundi ? Umugani w’abongereza, "if you are not enough strong to fight your ennemy, join him"/mu gihe udafise inguvu zihagije kurwanya umwansi wawe, mwegere. Mu Burundi muri rusangi, bihejeje kugaragazwa ko abarundi tutari bwamenye gutandukanya umukunzi n’umwansi. Nkaba ngarutse kuri rya jambo navuga ko umuntu wese aja kuri zirya micros z;abamenyeshamakuru, atoja yihuta atabanje kwitegura no kumenya inyifato afata imbere yo kwishur’ibibazo. Que Dieu benisse notre pays, le Burundi.

  • Turavye ico inama nshingamateka na nkenguzamateka bajejwe Nyabenda ntiyihenze.None kugira itegeko ryitwe itegeko ntiribanza gutorwa nabo?Bahejeje guhinyanyura irya nteguro bakongeramwo ivyo bumvikanye vyose ;jewe numva ijambo ryanyuma ariryizo nama ryokuritora kugira ryitwe itegeko!ntaho yihenze rero!

  • Uwiyise ######## ukwabizi ko ibwirizwashingiro abarihakana cankebakaryemeza banyumazi ni abanshingamateka abobatavyemera nibarindire ejobundi muri 2015 tubahunde amajwi abakwiyehubwo ndakubwijijukuri abobanye police birirwa bavayanguza agate iyi reta baramaze kwiyambikibara ndakubwiye uwokwitoza bizogorana kugira abenegihugu bamuhijwi, Jewe naravyiboneye umusumwe naragiye niyicarira ahantu ninywera agacupa nabandibantu babanyacubahiro bavamumigambwe itandukanye mazebariko barayaga bawiranango ngaha Burundi nihatali ngusanga umugambwewose uvuga udakekeranya nguzotsinda, arikontibabandanyije kuganira haciye hashika umwanya wamakuru yokwira radio RPA mazebatangurakuvuga ivya ADC niko abaringaho babanywanyi bimigambwe ihurikiye muri ADC bumvise ibivurwa baciyebidoga bavugango: twebwemigambwe ihurikiye muri ADC tudahinduye ingendo ntamugambwe womuritwebwe uzigera utsindamatora mwiyimyaka yavuba.

  • NYABENDA ivyavuga nu kuri, none abobavugako atavyicaro vyabolitike barondera ,kwataco babwiye abarundi hamwe sinduhije yatukanira kwiradiyo RPA .Akanakura umu journliste mukiganiro kabizi.

  • PETERONYIMBAYISEMANTAWUBIZINTAKUNTUYORAHIRA ATACEGERACA2

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.