IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abanyagihugu bishuza Reta imiriyaridi zine coba kigira gitorerwe (...)

Ikibazo c’abanyagihugu bishuza Reta imiriyaridi zine coba kigira gitorerwe umuti

vendredi 31 Nzero 2014

Inyuma y’aho ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi hugarijwe n’abanyagihugu batandukanye bava mu ntara ya Kayanza, baje kwishuza amafaranga arenga imiriyaridi zine bagiriza ko Reta yabaheranye, abo banyagihugu baraye bashizwe mu muhango.

Ivyo abo banyagihugu bakaba babibariwe inyuma y’aho umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma asanzwe yatowe mu ntara ya Kayanza ababwiriye ko abo banyagihugu bazoronswa utwabo, ndetse akazoguma abibakurikiranira ku muhuza w’abarundI. Ku munsi wa mbere naho, hakaba hategekanijwe ko umurwi w’abantu batatu, uzobonana n’umuhuza kugira batangure ibiganiro.
Abo banyagihugu naho bamwe bashima, abandi baragaragaza amakenga, mu gihe bavuga ko bazovyemera babibonye. Bavuga ko aho bagashiriwe mu mihango ari kera, bakavuga ko n’ubu bazoshima babonye ko baronse amafaranga yabo. Abo banyagihugu bakaba bari bamaze iminsi ku biro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, aho bahashitse kuwa 27 Nzero. Inzara n’indwara zo mu nda ku bana bikaba vyari bibabangamiye.

Abo banyakayanza rero imbere y’uko burizwa imiduga basubira mu ntara ya Kayanza, bakaba babanje kubavuna inzaraifanta n’imikate, baca burizwa imiduga basubira iyo baje bava.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.