IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo c’ibura ry’imatera kirahanze abayobozi b’amashure yisumbuye

Ikibazo c’ibura ry’imatera kirahanze abayobozi b’amashure yisumbuye

lundi 15 Nyakanga 2014

Amashure atandukanye afise uburaro mu ntara ya Bubanza afise ingorane z’imatera, intebe hamwe n’ukuzofungurira abana, mu gihe bamwe mu bayobozi b’amashure bavuga ko baheraniye amafaranga y’abazana imfungurwa kuri ayo mashure.

Ubwo bukene bw’amamatera nk’uko abayobozi bafise amashure y’indaro muri iyo ntara ya Bubanza babivuga, bukaba atari agaseseshwa rumuri, kuko bemeza ko usanga bafise imatera zitarenga 60 zigikomeye, izindi ugasanga zishaje, gushika yaho wozigereranya n’ibirago. Bavuga ko hageze n’aho bamwe mu banyeshure basigaye baza bizaniye amamatera yo kuryamako.

Mu bushikiranganji bw’indero bakavuga ko ico kibazo c’ibura ry’amamatera hamwe n’amafaranga yo kuriha imfungurwa ziba zagaburiwe abanyeshure bizwi, ari naco gituma bavuga ko bagiye kuzokora ibishoboka vyose kugira ico kibazo kizotorerwe inyishu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.