IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo ca Leta co mu mwaka wa gatandatu cakozwe mu Burundi

Ikibazo ca Leta co mu mwaka wa gatandatu cakozwe mu Burundi

jeudi 16 Rusama 2013

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Rusama 2013 niho ikibazo ca Leta giha uburenganzira abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu w’amashure y’intango kwinjira mu mwaka w’indwi w’amashure yisumbuye cakorwa mu gihugu cose. Ico kibazo cama gikorwa buri mwaka mu kwezi kwa Rusama.

Aho twaciye ku mashure ry’intango yo mu gisagara ca Bujumbura, nko kuri Stella Matutina, ico kibazo cariko kirakorwa ukuri kwamye.

Kuri iryo shure, hakoreye amashure agera ku munani yaha mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho, aho twovuga nk’ishure ry’intango Arc-en ciel, Stella Matutina, les Poussins, Independante, Ecole Bon Samaritain, ishure ry’intango rya Kabondo, hamwe na le Flambeau.

Igitigiri ntabanduka c’abanyeshure bahakoreye kingana 630 ariko hakaba abanyeshure batanu basivye hamwe n’uwundi umwe atari yanditswe uwo nawe yaciye ahabwa inomero 7000, nk’uko twabishikirijwe n’umuyobozi w’ico kibanza cakorewemwo ikibazo, Isaie Mbonihankuye.

Ikibazo rero catanguye gitevye gato nk’uko vyabandanije bimenyeshwa n’uwo muyobozi w’ikibanza. Ingorane yahabayeye n’uko abanyeshure bari benshi. Ntivyaboroheye kubaha inomero umwe wese ategerezwa gukorerako.

Ikindi kandi cabagoye kwari ukubicarika kuko atawigana n’uwundi bicarana.
Ku bijanye n’abacungera ikibazo, bose bari baje ntawasivye kandi bashitse ku mwanya bari basabwe.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.