IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi cakozwe ukuri kwamye

Ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi cakozwe ukuri kwamye

mercredi 11 Ruheshi 2014

Ikibazo ca Reta co mu mwaka c’icumi gitanga uburenganzira bwo kwunguruzwa mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye (cycle superieur) cakozwe ukuri kwamye mu gihugu cose c’Uburundi.

Nk’uko vyama bigenda uko umwaka utashe, ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye kirakorwa mu ntumbero yo guha akaryo abanyeshure ko kwerekana ubumenyi bafise bubatuma bashobora kwunguruzwa mu mashure yisumbuye mu bisata bitandukanye.
Kuri uno munsi wa gatatu, igenekerezo rya 11 Ruheshi 2014, ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi cakozwe mu gihugu cose, ikinyamakuru IGIHE kikaba cangendeye bimwe mu bigo vyakoreweko ico kibazo.

Amwe mu mashure yakoreweko ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi, ikinyamakuru IGIHE cashoboye kugendera, akaba ari kuri Ecole international, Lycée Municipale ya Musaga hamwe no kuri Lycée Municipale ya Rohero.
Kuri Ecole Internationale hahuriye amashure ane ariyo, New School, college Kinanira hamwe na COMIBU Kabondo. Kuri ico kigo, ku banyeshure bagera ku 328 bari bategekanijwe kuhakorera, batatu muribo nibo batashoboye gukora ico kibazo ca Reta.

Ntirutwa Donatien, umuyobozi yari ajejwe gucungera ico kibazo kuri iryo shure akamenyesha ko imvo yatumye abo batatu badakora ari uko harimwo uwari yarwaye wo kw’ishuri Internationale, babiri nabo, bo kuri kuri college Kinanira hamwe na COMIBU Kabondo bakaba bari barahevye ishure.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko mu gihugu cose ikibazo ca Reta gitangura gukorwa isaha zibiri zuzuye, kuri ico kigo cagiye gutangura igihe c’isaha zibiri n’iminota 40.
Kuri Lycée Municipale ya Musaga hamwe no kuri Lycée Municipale ya Rohero ico kibazo cagiye gutangura gitevye, inyuma y’isaha zine biturutse ku kungene batari bwaronke ama numero y’abanyashure bahakorera.

Kuri Lycée Municipale ya Rohero hakoreye amashure atatu, ariyo ICA, Ecole Islamique na Lycée Municipale Rohero. Abanyeshure 298 akaba aribo bahakoreye, havuyemwo abarenga cumi bari kwiyongera kuri ico gitigiri cahakoreye, kubera bahevye amashure.

Naho mu mashure amwe amwe ikibazo cagiye gutangura gitevye, muri rusangi nta ngorane zahabaye kikaba cakozwe no mu mutekano ntangere, haba ku ruhande rw’abanyeshure canke ku ruhande rw’abatanga ikibazo.

Mwomenyako ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi kizokorwa iminsi itatu, guhera uno munsi wa 11 Ruheshi gushika ku munsi wa gatanu wa 13 Ruheshi 2014.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.