IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Institut Francais du Burundi > Ikigo c’Abafaransa cerekanye ibikorwa bishasha vy’umwaka w’2015

Ikigo c’Abafaransa cerekanye ibikorwa bishasha vy’umwaka w’2015

mercredi 14 Nzero 2015

Ikigo c’abafaransa mu Burundi (IFB) cakoranije abamenyeshamakuru mu kiganiro aho berekana bimwe mu bikorwa vyakozwe bishasha hamwe no gutanga urutonde rw’ibigiye gukorwa mu mezi abiri aza.

JPEG - 50.9 ko
Genevieve VAN ROSSUM n’icegera ciwe Helene FOULARD

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Genevieve VAN ROSSUM arongoye ikigo c’abafaransa n’icegera ciwe Hélene Foulard batanguye bashikana ubutumwa bw’igihugu c’Ubufaransa aho bushima inyifato y’abamenyeshamakuru b’Uburundi berekanye igihe bifadikanya nabo igihe haba ubwicanyi mu kinyamakuru Charlie Hebdo.

Ibishasha vyakozwe mu kigo c’Abafaransa harimwo ishirwaho ry’ikibanza co gusomeramwo ibitabo biciye ku murongo wa Internet (Culturethèque) hamwe n’ikigo cagenewe abanyeshuri (campus France). Ico kigo kizofasha abanyeshuri bashaka kumenya vyinshi ku bijanye no kwiga muri za kaminuza zo mu Bufaransa. Abanyeshuri bashika hafi 200 baramaze kwiyandikisha bizohera kw’igenekerezo rya 20 Nzero.

JPEG - 57 ko
Abamenyeshamakuru bari mu kiganiro

Ku ruhande rw’ibiteramo, ku rutonde hari ibiteramo mu mezi ya Nzero-Ruhuhuma hari igiteramo c’umuririmvyi Bobona aherutse gutwara ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa "prix decouvertes RFI", ikiganiro ku bijanye n’umwami wa mbere w’Uburundi Ntare Rushatsi. Iruhande y’ivyo hazoza kandi umurwi uvuye mu gihugu kibanyi ca Congo, witwa Kabako w’i Gisangani abo bazogirisha ibiteramo hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura, bongere bigishe n’intambo ku baririmvyi b’Abarundi bavyipfuza. Aha Hélène Foulard amenyesha ko ata murwi canke umuririmvyi w’Umurundi arasaba ikigo c’Abafaransa kugira kimufashe mu biteramo vyo muri Congo canke ahandi ikigo c’Abafaransa gikorera ngo yanke, bisigura ko akazi kari ku baririmvyi.

Ikigo c’abafaransa kiributsa kandi abanywanyi baco ko hama herekanwa amareresi ku munsi kandi atarihishwa, ku rutonde hazokwerekanwa ireresi yo mu bwoko bwa documentaire yakozwe n’abahinga Ariane Mnouchkine hamwe na Phedre yakinywe na Patrice Chereau hazoba ari mu kwezi kwa kabiri. Ikindi gishasha n’uko kuva muri Nzero uno mwaka mu kigo c’Abafaransa hariko hatangwa icigwa ku bijanye n’ivyese"Théatre".

JPEG - 62.8 ko
Helene- FOULARD yerekana ikibanza ca Culturethèque

Mwomenya ko ingingo z’umutekano zongerejwe muri ico kigo mu ntumbero yo gukingira abanywanyi bagendera ikigo ku munsi ku munsi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.