IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Institut Francais du Burundi > Ikigo c’Abafaransa kigiye kwongereza ibisata cahora gikoreramwo

Ikigo c’Abafaransa kigiye kwongereza ibisata cahora gikoreramwo

mercredi 5 Munyonyo 2014

Mu gihe hasigaye iminsi mike ngo umwaka urangire, ikigo c’Abafaransa co mu Burundi ( Institut Francais du Burundi) cashikirije bimwe mu bikorwa bigiye kurangiza umwaka, ivyaranguwe hamwe na bimwe mu migambi nshingiro yo mu mwaka w’i 2015.

JPEG - 147.8 ko
Iburyo Helene- FOULARD, i bubamfu Genevieve VAN ROSSUM

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Helene-FOULARD amenyesha ko abagendera ikigo c’abafaransa biyongereye naho hari ibitagenda neza. Bimwe mu bitagenze neza, Helene-FOULARD arerekana ko abarundi batitaba cane ibintu bitandukanye bibera muri ico kigo kandi vyinshi muri ivyo bitarihishwa, ikindi n’uko abarundi batitaba cane ibikorwa vy’abanyahanga. Yatanze akarorero k’igiteramo c’umurwi w’Intatana citabwa n’abantu isinzi ariko haje umuririmvyi avuye mu kindi gihugu akitabwa na bake. Helene abona ko bitogenda uko kuko ikigo c’abafaransa kidakorera Uburundi gusa, gishaka ko abarundi bomenya imico n’imigenzo y’ibindi bihugu bikoresha ururirimi rw’igifaransa.

Urutonde rw’ibizorangurwa gushika kw’igenekerezo rya 15 Kigarama aho ikigo kizoja mu karuhuko k’iminsi 15 ruriko ibitari bike. Bimwe muri vyo ni agashimwe kitiriwe "Prix Michel Kayoya" ku ncuro ya gatandatu (6eme edition) kazotangwa kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo isaha imwe y’ijoro (19h). Abazohabwa agashimwe bazomenyekana kuri uwo munsi. Ku bijanye n’umugambi wo kwigisha amahoro n’ugusubiza hamwe, ikigo c’abafaransa, abahinga babiri: Idriss JAZAIRY ava muri Algeriya na Ruth Del Valle umupfasoni ava mu gihugu ca Guatemala batanga ibiganiro, uwa mbere azoba ari kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo, uwundi ku rya cenda Kigarama.

Genevieve VAN ROSSUM arongoye ikigo (Directrice) amenyesha ko ikigo c’abafaransa kizokwongereza ibisata kugira kibandanya gifasha mw’iterambere ry’ubumenyi. Aha avuga ishirwa ho rw’igisata c’isomwa rw’ibitabo canke ayandi makuru biciye ku buhinga ngurukanabumenyi "Culturetheque". Abasomyi birukira ikigo c’abafaransa bazoheza bahamenyere amakuru n’ibindi vyinshi bazosanga mu bitabo bazoronka baciye muri ubwo buhinga. Abiga muri za kaminuza bazoronswa ikibanza bazoronkeramwo amakuru ajanye n’inyigisho zo mu ma kaminuza yo mu Bufaransa, eka n’impusha ( Bourses) zo kwiga muri izo kaminuza zizotangwa.

Tubamenyeshe ko ikigo c’abafaransa cuguruye kuri uwari uwe wese avyipfuza kuko hari ibitari bike bitarihishwa nk’ama sinema n’ibindi ni ku buntu. Mushobora gusoma amakuru aramvuye ku murongo ngurukanabumenyi w’ikigo: www.ifburundi.org


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.