IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kinyinya : Ikigo cigisha imyuga urwaruka rutarangije amashure

Kinyinya : Ikigo cigisha imyuga urwaruka rutarangije amashure

mercredi 28 Nzero 2015

Ikigo cigisha imyuga co mu ntara ya Ruyigi muri komine ya Kinyinya kirafasha urwaruka rutari ruke mu kuhigira imyuga iruteza imbere muri kazoza.

Ico kigo c’igisha imyuga catanguye mu mwaka w’1984, ico gihe cari gifise ibisata bitatu gusa arivyo gusudira, kubarira hamwe no kubaza. Ariko nk’uko bivugwa na Georges Nzambimana arongoye ico kigo, bukebuke bagiye barashiramwo n’ibindi bisata aha tukavuga nk’igisata c’ukwubaka, ubuhinga bwo gukinjika, gutegura neza imishatsi y’abagore n’abagabo, gukora imikate n’ugukora amakinga n’amapikipiki. Kugeza ubu rero, ico kigo kikaba gifise abanyeshurebagera kuri 65, muri abo 30 n’abahungu, 35 n’abakobwa.

Ariko rero muri iyo myuga yose yigishwa, akaba atari yose irimwo ibitsina vyompi, imwe imwe, ijamwo abakobwa gusa aha tukavuga nko gushona, hamwe n’iyijamwo abahungu gusa kwubaka no gusudira ivyuma. Bamwe mu bariko barakurikirana izo nyigisho bakaba batari barashoboye kuja mu mashure yisumbuye.

Kugeza ubu, bakabona ko nabone kazoza keza bagafise, mu gihe borangiza neza amashure bariko barakurikirana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.