Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imanza zaciwe zitegerezwa gushirwa mu ngiro imbere y’ukwezi kwa (...)
Imanza zaciwe zitegerezwa gushirwa mu ngiro imbere y’ukwezi kwa Ntwarante
vendredi 10 Nzero 2014
Umushikiranganji w’ubutungane, Pascal Barandagiye yasavye amasentare yose agifise imanza zibitse zaraciwe ko zoba zashizwe mu ngiro imbere y’impera y’ukwezi kwa Ntwarante kw’igenekerezo rya 31 umwaka w’2014.
- Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane
Mu gihe umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yari aramutse agendera amasentare y’intango atatu y’i Bururi, imwe mu ntara zifise imanza nyishi zitaracibwa, Pascal Barandagiye yamenyesheje ko imanza 47000 arizo zimaze gucika, 7000 akaba arizo zitarashirwa mu ngiro.
Umushikiranganji w’ubutungane yibukije ko bamaze gutanga isango ku barundi bose ko kugera kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante hatoba hari urubanza na rumwe rwoba rutarashirwa mu ngiro.
Intara ya Muramvya na Bururi zikaba arizo zikiri inyuma mu gushira mu ngiro imanza ziba zaciwe.
Floxella Karire