IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imishahara y’abigisha bagize yegereyegere izoboneka muri Mukakaro

Imishahara y’abigisha bagize yegereyegere izoboneka muri Mukakaro

lundi 8 Mukakaro 2013

Abigisha bataronkejwe imishahara yabo y’ukwezi kwa gatanu nu kwa gatandatu bazoyironka mu mpera z’ukwezi kw’indwi . Ivyo ni ibishikirizwa n’umushikiranganji wa bakozi ba leta n’akazi inyuma yaho abigisha bahagaritse akazi bahurikiye muri sendika CONAPES bidoze ko ata mishahara baronkejwe mu gihe hari imisi bakoze.

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa kazi na bakozi ba Leta, ingorane y’uko abo bigisha bataronkejwe imishahara yabo vyavuye ku buhinga bushasha bwo guhemba abakozi ba leta . Annonciata SENDAZIRASA amenyesha ko icuma nyabwonko bakoresha mu guharurira imishahara abakozi ba leta, cahagaritse guharura iyo mishahara mu gihe abigisha bahurikiye muri sendika CONAPES nabo bahagaritse imirimo yabo. Uwo mushikiranganji wa bakozi ba Leta ngo ubu nta mukozi azosubira guhembwa adakora kuko ubu , ubushikiranganji bwa bakozi ba leta hamwe nubw’ubwikigega ca leta bakoresha « logiciel de paiement » ikomeye cane aho hahebwa gusa abaja ku mirimo.

Annociata SENDAZIRASA arahumuriza abigisha batahebwe mu kumenyesha ko ubu abo bigisha bagiye kuronswa ibirarane vyabo vy’amezi ya Rusama na Ruheshi. Agasaba abo bigisha kudasubira guhagarika akazi kuko imashini nayo izohagarika kubaharurira imishahara yabo. Ivyo abivuze inyuma yaho abigisha benshi bo mu ntara ya Gitega bamenyesheje ko batahembwe imisi 40 bakoze mu mezi ya Rusama na Ruheshi uyu mwaka. Abigisha bahurikiye muri sendika CONAPES bakaba bahagaritse imirimo mu gusaba ko abakozi bose ba leta bonganishirizwa imishahara.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.