IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imyidogo irabandanya ku baganga bashaka kuja kunonosora ivyigwa mu (...)

Imyidogo irabandanya ku baganga bashaka kuja kunonosora ivyigwa mu makungu

mercredi 3 Nyakanga 2014

N’ubwo abanyeshure ndwi muri ba baganga bashaka kuja kunonosora amashure yabo mu makungu aribo bemerewe gusa n’umurwi ubijejwe, bagenzi babo basigaye bamenyesha ko ingorane zitaratorerwa umuti zikiri nyinshi nk’uko biri mw’ikete bandikiye umuyobozi bwa kaminuza.

Muri iryo kete ryo kuwa 1 Nyakanga bagira bati :’’nyakubahwa muyobozi wa kaminuza y’Uburundi, twaramenye ivyavuye mu nama yakozwe kuwa 18 Myandagaro na wa murwi ujejwe kurungika abanyeshure kwiga hanze hamwe n’ibijanye n’agafashanyo (bourses et stages), turabashimira ko mwashoboye kwemera kurungika abaganga indwi kuri 17 bose bavyifuza. Ariko rero twagomba tubamenyeshe ko hagisigaye ibindi bibazo nkoramutima bitararonka inyishu.’’

Abo banyeshure bavuga ko ubwa mbere bari bemerewe kurungikwa ari 10 ariko hakaba hagiye kurungikwa indwi gusa bari basanzwe bariyandikishije mu ma kaminuza yo hanze. Abo banyeshure bakavuga ko batumva ingene barungitse abo bonyene kandi n’abatari biyandikishije babujijwe n’uko batagira urupapuro bita ‘’attestation de boursier du gouvernement’’. Abo banyeshure babaza rero iyo izo zindi zitatu zari zemewe n’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi ziri muri kino gihe. Mu bindi bibaraje ishinga abo banyeshure babaza kandi icoba kiriko kirakorerwa abaganga bahejeje mu mwaka wa kabiri, mu gihe bazi ko mu Burundi atamwaka wa gatatu uhari kuko iyo bahejeje imyaka ibiri ya mbere baca barungikwa hanze, bakiga umwaka ugira gatatu n’uwa kane mu mahanga bagaheza bakagaruka ku mwaka ugira gatanu.

Abo baganga kandi babandanya babaza icoba kiriko kirakorwa kugira abo baganga bari mu mwaka wa mbere batunganirizwe kuko bamaze umwaka wose barataye akazi, ubu bakaba bamaze umwaka wose biga ariko bikavugwa ko batemerwa n’abasanzwe batemerwa , n’abasanzwe babatwara bakaba bari bitavye akamo kari katewe n’ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi ubu bakaba bariyandikishije kandi bakaba bakurikirana n’ivyigwa ukuri kwamye.

Basaba ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi kugerageza gutorera inyishu ico kibazo kuko bitumvikana ukungene bashobora guheza umwaka wose bataronka agafashanyo kabiri kwezi kandi gasanzwe karonswa abandi banyeshure, bamusaba gufata nka nkama ico kibazo kuko bavuga ko mu gihe Reta, yoba inaniwe gutanga ibihumbi 70 gusa vy’amarundi bafise amakenga ko bizohava binanirana no gufata mu mugongo abo banyeshure bagomba kuja kubandanya hanze.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.