IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Ururirimbo "Agapiripiri" rwa Steven Sogo rwabujijwe guca kuri (...)

Ururirimbo "Agapiripiri" rwa Steven Sogo rwabujijwe guca kuri RTNB

mercredi 2 Gitugutu 2013

Indirimbo “Agapiripiri” ya Steven Sogo yahagaritswe kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu (Radio Télévision Nationale du Burundi). Ivyo bikaba biri uko no ku maradiyo amwe amwe. Imvo zabiteye ni amashusho y’iyo ndirimbo bavuga ko ari iy’ibiterasoni. Ariko abantu benshi bakaba batabibona uko, ndetse bakibaza ko hoba hariho izindi mvo zitazwi ziri inyuma y’ico gihano kuri iyo ndirimbo.

PNG - 1.4 Mo
Steven Sogo

Nk’uko Steven Sogo yaraye abiganiririye IGIHE, iradiyo n’imboneshakure y’Uburundi nivyo vyamumenyesheje ko inzego zo hejuru zasavye ko indirimbo « Agapiripiri » itazosubira kuvuzwa no kwerekanwa kuri ivyo bimenyeshamakuru vy’igihugu. Imvo y’iyo ngingo n’uko iyo ndirimbo irimwo amasanamu ateye isoni.

Steven Sogo yavuze ko vyamutangaje cane kuko we azi ko indirimbo yiwe ata kibazo iteye, haba mu majambo no mu masanamu yayo. Yagize kandi ati : « Ni indirimbo nyinshi zica ku mboneshakure zirimwo intambo ziruta cane iyi yanje ». Aho rero uwo muririmvyi aribaza imvo nyakuri yatumye hafatwa ingingo nk’iyo.
Ati : « Mu vy’ukuri, iyi ndirimbo yanje irafise insiguro kandi niyo nagerageje gusigura. Amasanamu yayo nayo jewe mbona ataco atwaye. Ivyo biterasoni bavuga ko birimwo ntavyo mbona kuko gutamba ntawudatamba mu ndirimbo. Kimwe gusa ku vyatangajwe, nsavye uwo wese abona ko harico itwaye ko yombabarira ».

Abanyeshure bo kuri kaminuza y’umuco, biga mu gisata co kumenyesha amakuru twaganiriye, bavuga ko biteye agahinda kandi bitumvikana ingene indirimbo nziza nk’iyo bashaka kuyicapfuza irimwo ibishegu. Bagasaba ubushikiranganji bw’imico kama ko Bogira ico bavuze kuri ico kibazo c’iyo ndirimbo.

Bamwe mu baririmvyi nka Rally-Joe bavuze ko ari agahomeramunwa kuko bitumvikana. Rally-Joe ati: « Ivyo bavuga ntibigaragara na gatoyi. No mu ndirimbo zikunzwe muri iyi minsi haba aha mu Burundi no mu makungu ndetse no hanze y’igihugu, « Agapiripiri » irimwo .

JPEG - 28.5 ko
Alida Baranyizigiye

Kubwa Alida Baranyizigiye umuririmvyi w’umurundi aba mu gihugu c’Urwanda, abarongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi (Amicale des Musiciens au Burundi) bofasha kumenya ivy’ishirwa mu ngiro ry’itegeko rigenga abaririmvyi kuko arico cofasha mu kumenya amategeko agenga indirimbo hama abaririmvyi bakazandika bisunze ayo mategeko nk’uko bikorwa n’ahandi. Alida avuga ko no hanze indirimbo barazihagarika kuma youtube n’ahandi mu bibanza zidandarizwamwo mu gihe basanze iyo ndirimbo irimwo ibiteyisoni koko, cane cane mu masanamu.

Abandika kuri Facebook bose bahuriza kuri kimwe, “Izo mvo zatanzwe ntizumvikana na gatoyi kuko iyo ndirimbo ishimwa na benshi bayibona”. Ahubwo nabo bagasaba ko hashirwa ku mugaragaro imvo nyazo zo guhagarika iyi ndirimbo. Mwomenya ko kuri youtube, iyo ndirimbo imaze kurabwa n’abantu barenga 2300.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.