IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Steven Sogo muri Amerika ati:"ivyo ndimwo ni indoto zo mu rukurikirane"Mbali

Steven Sogo muri Amerika ati:"ivyo ndimwo ni indoto zo mu rukurikirane"Mbali sana"

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Steven Sogo amaze amezi atari make ari muri Reta Zunze Ubumwe z’ Amerika mu ngendo z’urukurkirane rw’ibiteramo vyo mu mugambi wa "Nile Project"uhuza abaririmvyi b’ibihugu bicamwo uruzi NILE, abona ko ari indoto zabaye ukuri nk’uko biri mu rukurikirane "Mbali Sana".

Steven yagiye ahejeje urukurikirane yise "Mbali sana". Avugako mu gutora uwo mutwe w’urukurikirane yaravye iyo yavuye(Yibuka aho yaba mu Kamenge), akabona ko yavuye kure cane"Mbali sana". Sogo avuga ko yarafise indoto zo kuja kure cane"Mbali sana".

Sogo aravye iyo umuziki wiwe mugejeje, abona ko ari bimwe yaririmba muri rwa ruririmbo"Mbali Sana", kanatsinda ageze kure. Si ivy’imbeshere, Sogo amaze amezi ashika kuri 3 ari mu rukurikirane rw’ibiteramo muri ntara no mu bisagara vya Reta Zunze Ubumwe z’Amerika.

Naho biri uko, umbwa mbere ataragenda, Sogo yavugako azosiga ashitse ahabona urukurikirane "Mbali sana" rwa mbere rurimwo imidiho n’indirimbo bitandukanye ariko vyaramutaye kuw’amazi kuko yaciye yihutira urugendo.

Tubamenyesheko umurwi "Hope Street Inkinzo"wa Sogo wasigaye mu Burundi wahinduye aho wahora uteramishiriza abantu. Hope Street Inkinzo wavye kuri Tempête. Uwo murwi uri kumwe na DJ Rashid bagirira Karaoke kuri Musee Vivant, eka na Sogo niho azoshika avugiriza.

Umviriza ururirimbo"Il est beau mon pays"rwamuciriye inzira y’ivyo vyose


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.