IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingingo zatumye abanyeshure ba kaminuza bahagarika ivyirwa zafuswe

Ingingo zatumye abanyeshure ba kaminuza bahagarika ivyirwa zafuswe

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Inyuma y’aho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha, ENS, barahiriye gusubira mu mashure, ingingo zitegekanya itangwa ry’agafashanyo ku zidasubiwemwo, Umukuru w’igihugu yahagaritse izo ngingo zahagaritswe. Ivyo vya menyeshejwe mw’itangazo ryashizwe ahabona ku muhingamo wo kuri uwu wa 16 Ndamukiza 2014.

Muri iryo tangazo ryasomwe na Léonidas HATUNGIMANA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, hamanyeshejwe ibi bikurikira :

Mu ntumbero y’uko abanyeshure bo muri Kaminuza bari muri yegereyegere muri rusangi na cane cane abanyeshure bitavye akamo twabateye bakiyandikisha bushasha naho batewe ubwoba kenshi kandi mu buryo butandukanye, bose bosubira mu mashure maze bakabandanye neza ivyigwa vyabo,

Yihweje uburyo buke bw’igihugu ariko agashira imbere cane cane ineza y’abanyagihugu muri rusangi na cane cane iy’abanyeshure bo mu mashure Kaminuza,

Kugira atange inyishu ku vyasabwe n’abanyeshure bo muri ayo makaminuza bipfuza ko yofata mu minwe ico kibazo We nyene ubwiwe, akaba rero yarafashe umwanya ukwiye wo kwihweza neza imvo n’imvano y’ico kibazo,

Afashe ingingo zikurikira

Itegeko Nshikiranganji inomero 610/212 yo kuwa 12 Ruhuhuma 2014 ritunganya ingene igikorwa co gufasha abanyeshure barekuriwe kuja muri ayo makaminuza Umwaka w’Ivyigwa w’ 2013 ushira uw’2014, nisubirwemwo ku gace kerekeye na cane cane ingingo yaryo ya 3. Aha rero, abanyeshure bose barekuriwe kwinjira muri Kaminuza y’Uburundi no mw’Ishure Kaminuza Nderabigisha (ENS) bazoronka imfashanyo y’Igihugu (Bourses) ku rugero rumwe. Reta y’Uburundi iriyemeje gukora ibishoboka vyose kugira ngo ironke amahera yo gushira mu ngiro iyi ngingo.

Naho bimwe bimwe muvyo abanyeshure batanu birukanywe kuri Kaminuza y’Uburundi bari bakoze vyari bikwiye igihano, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu asavye inzego zibijejwe gukuraho ibihano bari bafatiwe.

Nico gituma rero,

1° Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ahamagariye abanyeshure bose bo muri ayo makaminuza gusubira mu masomero kw’igenekerezo Ubushikiranganji buzoshinga, we akaba yipfuza ko hoba kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2014, kugirango dushobore kwiriha aho tumaze gucererwa twongere duheze uyu Umwaka w’Ivyigwa Kaminuza mu bihe vyumvikana kandi tuzotangure n’uwundi hakiri kare.

2°. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu asavye abo vyega gutunganya mu maguru masha ishingwa ry’inzego ziserukira abanyeshure zizewe n’abanyeshure bose kuri Kaminuza y’Uburundi kugira ngo turonke abashobora guseruka bemewe na bose kandi bemewe n’Amategeko agenga Kaminuza.

3°. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu asavye Ubushikiranganji bubijejwe kunyarutsa integuro y’Inama ya bose benshi bita « Rukokoma » yerekeye inyigisho kugira ngo dutegere kumwe ivy’igwirirana ry’abanyeshure mu makaminuza hamwe n’ukuntu uburyo bw’igihugu butongerekana ku rugero rumwe, maze dutorere inyishu irama ikibazo c’indero mu Burundi. Nico gituma, abanyeshure bazoserukirwa bikwiye, kandi bakazonahumvira inkuru z’ukuntu ahandi mu bindi bihugu bikorwa bazihawe na bagenzi babo.

4°. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu araneguye ingingo yo kugira yegereyegere yatesheje umwanya abanyeshure n’uburyo bw’amahera igihugu kandi aribukije bose yuko umwanya utakaye utagaruka. Araneguye kandi na cane cane imvugo zimwe zimwe zidahumuriza zakoreshejwe mu gushikiriza ivyo basaba gushika n’aho bagira ico kibazo ica politike, bongerako n’ibindi bibazo vyotorewe umuti mu zindi nzego.

5°. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu arahanuye kandi ateye akamo abanyeshure ngo bamane umutima wo kwubaha abavyeyi, abarezi babo n’inzego, na cane cane ko nabo nyene ari bo barongozi b’ejo, nkuko inyigisho dukura mu mashengero yacu atandukanye zibidutegereza, mbere zikanatwemerera imigisha tuzikurikije. Ahamagariye abanyeshure bose kwama bitwararika ivyo bajejwe, gukunda igihugu, kugendera ubuntu n’ukwemera kwabo.

6°. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu arasavye Abafasha Uburundi gutegera iyi ngingo naho mu vy’ukuri ihungabanya integuro y’amahera Reta ikoresha, kandi abasavye ahubwo gufasha Reta gushira mu ngiro iyi ngingo ikiza vyinshi mu vy’imibano.

7°. Asozereye yipfuriza « Pasika Nziza » abarundi bose na cane cane abanyeshure bazoba bari mu bigo vy’ama Kaminuza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Dushimiye Umukuru w’Igihugu n’abamuhanuye bose kugira ingingo nkiyo inywanisha bose ifatwe kuneza y’abarundi twese. Tukanahanura Impande zose ko hanyuma bibazo vy’’inkora mutima nkivyo vyobanza kwitonderwa no gushishozwa imbere yuko ingongo iyariyo yose ifatwa kuko dutakaje umwanya utari muto kukibazo kiba caratorewe inyishu iyo haba kuganira. Inama isumba ingimba.

  • nyakubahwa umuku w’igihugu c’UBURUNDI bwatwibarutse,turagushiiiiiiiiimiiiiiye caaaaan kuba werekanye umutima w’URUKUNDO UKUNDA IGIHUGU C’UBURUNDI,TUGUKENGURUKIYE,UFASHIJE IGIHUGU,ABAVYEYI B’ABANA BARI BATANGUYE KWIHEBURA....KOMEZA UWO MUTIWA WO KWITAHO ABENE BURUNDI,TURINYUMA YAWE:m16

  • Wao,ntubona nne?mwari murindiriye iki kugira mufate ingingo nkiyo?canke mwari muziko abanyeshure muzobagondoza bakemera hama aka bourse baronka bakaca bakwika mumifuko yabo canke bakagakoresha mumatora yimirije!sha politique ya DD yabaye amazi,nibave kurubuga rwa politique kko ntayo banze!gufata ingingo hama bakisubirako!banyawe nibatange igihugu bagihe BAMVUGINYUMVIRA,canke RWASA canke bagihe SINDUHIJE kko nibo bashingantahe bijambo dusigaranye mugihugu.

  • Turi ibigugu abarundi ngo nyakubahwa umukuru wuburundi kungingo ushikirije zihumuriza!erega ategerezwa gukora,akazi kuko abarundi baramuhemba?si imana?iyoba tutamuheba neza arashobora kwikura wenyene?ndasavye abarundi mumenye imvugo mukoresha yogushima kuko birababaje kwuva hakiri umurundi avuga ngo NYakubahwa !mbega,mwigaza ko abanyeshure bahomba kurusha reta?ahubwo nuko umushikiragaji atakazi yaragifise?kandi abarimu bagire bigire ahandi surukundo bakuze abanyagihugu vyabatekurukanye kukwamA bikunda kuko iyoba reta ikenye hari imigambi ya ama avocat niyo yarikubaza guhagarika aho abanyeshure bataha?

  • Nyakubahwa turagushimiye ariko nyabuna kemura nikibazo cimbonera kure kuko naho mutuhamagaye ntaho tuvuye kandi ntaho dusubiye !sinzi ko bamwebamwe tuzoza kuko ubwoba nibwishi cane

  • Erga muvyica uburundi harimw negligence!bar baz ng ya politik yabo yoku diviza izoshboka!ohoo!le soleil s’est leve et se levera jusq’a votr dpart

  • Nyenicubahiro nyakwubahwa umukuru wigihugu cacu cu Burundi perezida Pierre Nkurunziza urakoze caaaaaane,uri data kanduri basokuru nabanyokuru bibarutse data na mawe dagukunda bimwevyimazeyo kandi cane gose nabomukorana bose ndabakunda ndakunda reta yose numutimawanje wose, mwese hamwe Imana ikomeze kubananamwe.
    Nongeyegushimira Concillie aserukira umugambwe UPRONA imbereyamategeko nawe yariyaraye asavyemubwitonzintangere ko ikibazo cabanyeshure bokuma Kaminuza yu Burundi ko gikwiyegutorerwa umutinababifitiye ububasha mukubisaba ntaterabwoba yarinze gushiramwo canke akagagazo abasenga nibobavugango; Ugusenga gukingura Ijuru.
    Jewe nanje mazekubona ubwitonzi nyakwubahwayakoresheje mukwifuzako ikibazo cabanyeshure bomuri kaminuza muburindi cotorerwa inyishu,nanjenaciye mvugako nshigikiye ibisabo vyanyenicubahiro Concillie nonendebera turishuwe hatarenze amasaha 24 Ijambory’Imana ritubwirango’ Bana mwubahe abavyeyibanyu kugira murambe, ahohepfonaho harumuntu yitwa NWARI yandize avugango kwandika uvugango: nyakwubahwa umukuru wigihugu ngwabibonako arubugugu!!! mbegakaga! Nkuwomuntu yokwiruka agaha uwuserukira ONU mu Burundi inkuru zivugako abavugako umukuru wigihugu arinyakwubahwa ko aribigugu nawe akacatwara muri ONU ngoyarose ivyemeza ko muburundi haribigugu!!!

  • 1. Iyo ngingo ni nziza. Ariko rero, biratangaje kwumva yongerako ngo araneguye amayegereyegere yakozwe. Mbe iyo batayakora iyo ngingo yafashe yari gusohoka? Erega yegereyegere iremewe n’amategeko. Ahubwo ni kuki atanegura abamutaye murudubi agafata ingingo nkirya? Tuvugishe ukuri, umwanya avuga watakaye kandi utazogaruka wavuye kungingo mbi zagiye zifatwa kubijanye n’ico kibazo.
    2. Twizere ko agiye gufata n’izindi ngingo nziza abarundi barindiranye igishika: kubogoza abahanuzi babi bamwe bamwe bamukikije, guheba mandat ya gatatu, kwemera itohozwa ryigenga kuvyavuzwe bijanye n’ibigwanisho vyoba vyaratanzwe mu mbonerakure, n’ibindi.

    Murakoze.

  • Nakure n,umushikirangani naba lecteurs bose.twibuke uko umuvugizi yari yishuye ngo barirana intore mu ntoke gashiga izobagarukana.uwa mbere ahomba ni nyarucari kuko niwe aguma atozwa ama taxes.iyo bumva impanuro kare bakareka kudadaza biba vyaravuye mu nzira kera.inama isuba ingimba

  • Nyakubahwa kizigenza winzego zose ndagusavye uze wikura abobantu bafata ingingo zitandukanye nivyo twagiye hanyuma abajejwe gutanga akaranga mutima mumugambwe babe bagaha benabo bantu batabona iyotuva niyo tuja Nyakubahwa kwama ifata ingingo keshi zivuguruzanya biboneka nabi rero abobantu bagutuma ufata ingingo buca ugahindura habanje gutakara ibitari bike ndagusavye Nyakubahwa uze ubaka amabanga kuko mubagutoye ntihabuze abashingantahe bijunja nijambo Uwomuta akuvugira twari tuziko ari intavugigwamwo mugabo yahindutse ubu ariko Nyakubahwa ntiwibagireko twamugaruje inkoni nyishi cane nawe yashaka icokibanza cawe tukiri muri ryashamba mbega wibazako bahevye??Ingeso iraraba ntihwera Nubu bazokwimbira icobo uribuka Nyakubahwa kwatamugenzi kunkono yinyama

  • son Excellence monsieur Le president , ndagushimye caaaaaaane gose!ariko rero shaka ukuntu wahagari kuha ibigwanisho imbonerakure icindi kandi reba ukuntu wagarukana umubano na President w’u Rwanda Paul KAGAME, ejo tutazabura aho duhungira izo mbonerakure zawe zatanguye kutwica

  • Yararoreye iki uwo mukuru wigihugu!! iryo subirwamwo ryako gafashanyo kabanyesuri yari hengamye caneee gose cane ahubwo nibindi tuzi bitameze neza aho mugihugu nave mugacerere arimwo agoborore ururimi asubire kumbonera kure hakiri kare ahandi hoho mbona bariko barahamba umugambwe wabo nibawihambirekuko umugambwe cndd fdd ura pirase cane!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.