IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Nta kindi gihugu co kw’isi kizosubira kwitirirwa ingoma atari (...)

Nta kindi gihugu co kw’isi kizosubira kwitirirwa ingoma atari UBURUNDI

jeudi 27 Munyonyo 2014

Ingoma z’Uburundi zaraye zemerewe kuba zishizwe ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama. Nta kindi gihugu kigiye kwitirirwa akaranga k’umurisho w’ingoma atari Uburundi. Ingoma zizohora zivuzwa ku minsi mikuru ihambaye.

Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama Adolphe Rukenkanya ari kumwe n’umurwi w’abatimbo bari mu gihugu c’Ubufaransa aho bari bagiye mw’isabukuru rwatunganijwe na UNESCO. Uwo murwi wari wagiye kwandikisha ingoma z’Uburundi ku rutonde ndangakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama. Iryavuzwe riratashe, ingoma z’Uburundi zaraye zemerewe kuja kuri urwo rutonde.

Kuba ingoma zigiye ku rutonde n’iteka nta ngere ku gihugu nk’uko Adolphe Rukenkanya yabivuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru imbere y’uko bafata urugendo. N’iteka kuko nta kindi gihugu kizosubira kwitirwa umudiho w’ingoma. Ico gihe yamenyesheje ko ubushikiranganji butegekanya gushigikira umuco w’ingoma mu gushiraho umunsi wahariwe ingoma, gushiraho ikigo kizigisha, kwitaba isabukuru mpuzamakungu ry’ingoma riba rimwe mu myaka 2, hamwe no kugarukira no gukingira igiti c’Umuvugangoma gikorwamwo ingoma. Eka n’igisata c’ingenzi kizohatorera akayokwe kuko ingenzi zizoratira ijisho uko bazikana n’uko zivuzwa.

Iyo ari mu gihugu c’Ubufaransa, Adolphe Rukenkanya yarashimye cane iyo ntambwe maze avuga ko ingoma zigiye gusubizwa iteka aho zizohora zivuzwe mu bihe bikomeye vy’igihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • OYA NTIBIKWIYE.NIMUTUÀWIRE UMUHU NUMWE MWABO BASERUTSE?CANKE MUTUBWIRE UMUNYAGISHORA NUMWE ARIMWO.ABO BAHIMA GUSA BARAZI KUVUZA INGOMA ATARI GUCAFUZA GUSA IGIHUGU

  • Ubwambere tubanje kuvyishimira, Hanyuma birabonekanako hari mwo UMUHU umwenawenyene sinzi. Hariho nuwuherutse kuvugango: mbegavyoreshe kurondera abantu bubwoko bumwe gusumba kurondera abavanze amokoyose? Arikoturabakunda sukubanka kukomuraziko ikigihe tudashaka umurundi numwe asigarinyuma kuriki canke kiriya twese amokoyose yabarundi tuderageze kujaturavyitwararika kandindaziko ibindikondavuga nabobaduserukiye baravyiketse kobizovurwa bamaze kureba bakisanga ari ubwokobumwegusa.

  • Erega abatutsi barakerebutse kandi barazi ahari amahera Hari umuhutu yoserukira igihugu nka burayi?Naho mwitwa ngomuri ku butegetsi, ahari amahera ntimurahaca n,ikanda. urya mushikiranganji naho yobaye ari umuhutu,nta munyagishora w,umuhutu yohonyoje ukuguru mu ndege ngw,agiye muburayi!erega mwebwe muracafise ingorane muri social.

  • ehe iyi foto ingene banezererewe ingoma !!!!!nukungene uburundi buri mungorane .oya ingoma mugihe turimwo sico kintu carigikwiye gushira hejuru gusumvya.hindura canke nuko muba hanze.

  • Mwese mwanditse ngaha ivyomuvuga ndabitahura, ariko ikintu citwango uburundi butwarwa nabahutu sindacemera kuko ico amasezerano yomuri arusha ntacemera ahubwo ushonora kuvugatinubwo abahutu ubumusigaye murimunzego zigihugu atihagatimugihugu harihuturwi usanga mwigizwayo, ivyonavyo kotwese tubibona bizabiribonekeza tuzogerageza kubishikiriza abovyege kugira ahobishoboka bikosorwe, erega nibiduhiriyeko turi abantubarengabane birakwiye gukorerwako bakarebako ivyotwavuze hobaharimwo ukuri canke ubuneshi!? Muvukuri arikibanza kimwe ningombwa kibemwo umuntu umwe wumuhutu,umutitsi canke umutwa, ariko ibibanza 12 ugazangamwo abantu 10-11 bomubwokobumwegusa!!!! Muzokosore kabisa.

  • Ayo n’amanyanga,kuko ingoma s’iz’ubwoko bumwe.

    Ikindi na co,turazi ko abahinga bambere kw’isi mu kuvuza ingoma ari abanyagitega,ahantu hitwa Gishora.

    None ubwo, abo mbona ni abanya Gishora?

    Reka ivya Kayisari bihabwe kayisari. Subiza izo ngoma abanyagitega,twese ni bo tuzi.

  • Abantu mwese mukivuga ivyubwoko ndabita imbwa z,abaja,, akabi nkako kari Mu Rwda no Mu Bdi Gusa.
    ninavyo bitera umutekan muke Jew igihugu ndimwo ntavyo gucana kubwo amazuru babanye neza ivyo ntanivyo banazi.
    Muri ibitangaza mwaremwe nkuk abandi bataremwe Puuuu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.