IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero burashima ivyo bumaze kurangura

Ubushikiranganji bw’indero burashima ivyo bumaze kurangura

mercredi 12 Munyonyo 2014

Inama yo kwihweza ivyaranguwe mu bushikiranganji bubiri bujejwe indero yahuje abakozi bakuru bo mu bushikiranganji bw’indero, hamwe n’abasanzwe bakorana n’ubwo bushikiranganji, kuri uwu wa kabiri. Intumbero yari uguhanahana ivyiyumviro, mu guteza imbere inyigisho.

Iyo nama yari iyo kurabira hamwe ivyaranguwe muvyari vyarategekanijwe gukorwa mu mwaka w’2013-2014, mu nteguro zikurikira : ukurwiza amashure, kugabanya ibitigiri vy’abanyeshure bahitira, gushiraho igisata ca 4 c’inyigisho z’ishure shingiro (enseignement fondamental), guteza imbere inyigisho z’imyuga, hamwe n’ibijanye n’ihinduka muvyerekeye impapuro z’umutsindo zitangwa na kaminuza nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’inyigisho z’amashure y’intango n’ayisumbuye.

Nk’uko yabishikirije, ibitari bike vyararanguwe, aha akavuga nko kugwiza amashure biciye ku barongoy amakomine bafadikanije n’ubuyobozi bw’indero mu ntara berekanye uturere dukenye amashure gusumba utundi, kuko aribo basanzwe bahamenyereye. Ku vyerekeye kugabanya igitigiri c’abanyeshure bahitira, uwo munyamabanga yamenyesheje ko intambwe yatewe ari ndende kuva mu mwaka uheze.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.