IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe FOCODE riratangazwa n’inyishu imwe yama itangwa na Edouard (...)

Ishirahamwe FOCODE riratangazwa n’inyishu imwe yama itangwa na Edouard Nduwimana

jeudi 14 Munyonyo 2013

Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) yibutsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko igikorwa ciwe atari ukurotorera abantu ico bazovamwo muri kazoza, ahubwo ko ico abanyagihugu baba bamurindiriyeko mu bikorwa vyiwe ari ugutanga umuco ku ngingo Reta arimwo iba yafashe, canke kwishura ku bibazo abanyagihugu baba bamutuye mu bijanye n’ivyo ubushikiranganji bwiwe buraba.

Ku ncuro igira gatatu mu mezi atatu nyene, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yararemesheje ku munsi wa kabiri ikiganiro amenyesha ko ibikorwa n’ibivugwa n’ishirahamwe FOCODE biciye ku mukuru waryo Pacifique Nininahazwe, ko vyoba bigamije kurwanya ubutegetsi bwo mu Burundi, kandi ko abantu batotangara ejo canke hirya y’ejo babonye Pacifique Nininahazwe atanguye gukora poritike.

Mw’ishirahamwe FOCODE baratewe amakenga n’iyo mvugo Edouard Nduwimana akunda gukoresha, aho kwishura kuvyo aba yabajijwe. Pacifique Nininahazwe atangazwa n’ingene umushikiranganji Edouard Nduwimana yamana inyishu imwe ivuga ko harimwo inyungu za poritike mu bibazo FOCODE iba iriko irashikiriza, n’aho ataba ariwe aba yabibajijwe. Pacifique Nininahazwe aranegura ukwo kwiha uburenganzira bwo kurotora kazoza ka bamwe na bariya, kuko igikorwa c’umushikiranganji kitari ico kurwanya umuntu kuko yoba ariko ashikiriza ibitagenda neza. Kubwa Pacifique Nininahazwe, namba umushikiranganji Edouard Nduwimana yoba yibaza ko ugukora poritike ari ugushira ahabona ibikorwa vy’ubunyonyezi, ubwicanyi ndengerabutungane, n’ikibazo c’ibwirizwa shingiro ririko rihindurwa mu kinyegero, vyoba bibabaje.

JPEG - 32.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko niyashaka gukora poritike azobishira ku mugaragaro, kandi ko atazorinda kwinyegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, na cane cane ko azoba ari uburenganzira bwiwe. Arangiza amenyesha ko ishirahamwe FOCODE rishigikiye ko BNUB iguma mu Burundi gushika inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015. Ahamagarira amakungu gukurikiranira hafi ibikorwa mu Burundi, kuko biboneka ko uwo mushikiranganji ashaka gutera ubwoba abashikiriza ibibangamiye ubuzima bw’igihugu, nk’ibijanye ihindurwa gihutihuti ry’ibwirizwa shingiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • CDD FDD MURABESHA IVYO MUKORA VYOSE NTIMUROTSINDA MWIBA MUREKA NTIMUROTSINDA VYIZA MWOTEKEREZA OK.

  • Bayamaze bati ijambo urigumije mukanwa rihinduka inkonda mbega Edouard Nduwimana yarabuze ijambo yovuga atariryo? umutegetsi nkuyo afise icubahiro nkico ahebe abure n’amajambo yovuga? haaa birababaje

  • Shing’umugambwe bwana pacy,ub’umukuru w’igihugu.

  • Ko. Umuntu a kora poliitique muri kazoza ntaco bitwaye name rebermion yoyikora cable aka a pasteur ICO term sikibazo ikibazonuko yoba abesha atavugukuri hama ICO mwomenya ukuri kwa focode kuratandukanye nukwa pacifique kuko focode izohaguma itwagwe nuwundi pacifique akore ibindi yifuza minister ndamuhanuye yishure ivyabazwa kurwego rwigihugu areke kwinjira mubuzima bwabantu Kuok kazoza kumuntu kazwi nimana MBE we yarazi ko azoba minister cnke arazi ICO azoba ejo niyahava reka kwizimagizautabishobboye tanga imihoho

  • eweJoseph baraguhenzengw’intorezirotswa umugambweCNDD-FDD wubakiyekurutare mwebwenukwibomamuzomenagurika

  • Icishe ubutegetsi bwuburundi nukwo iyumuntu avuz’ibitagendaneza ahukwikebuka bacabiruka kuwabakebuy.ariko ntamvura idahita.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.